Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubudagi busaba Amerika insiguro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubudagi busaba Amerika insiguro

Ubudagi busaba Amerika insiguro

jeudi 24 Gitugutu 2013

Leta y’Ubudagi yahamagaye uwuserukira Amerika muri ico gihugu kugira atange insiguro ku makuru avuga ko telefone y’umukuru wa leta y’ Ubudagi Angela Merkel yumvirijwe n’inzego z’iperereza z’Amerika.

Angela Merkel yasavye insiguro kuri ayo makuru. Yaranabiganiriyeko na Barack Obama wa Leta zunze ubumwe z’Amerika ku wa gatatu. Ibiro vy’umukuru w’ igihugu c’Amerika vyatangaje ko umukuru w’igihugu Obama yabwiye Angela Merkel ko Amerika itumviriza telefone yiwe kandi ko itazigera inabikora. Ariko ntivyumvikanye neza niba mu gihe cashize telefone yiwe itigeze yumvirizwa. Ku musi iwa mbere w’ino ndwi, Ubufaransa bwarahamagaje uwuserukira Amerika muri ico gihugu kugira atange insiguro ku makuru yasohotse mu kinyamakuru Le Monde avuga ko inzego z’iperereza z’Amerika zafashe ibiganiro kuri telefone biharurwa mu miliyoni mu gihugu c’Ubufaransa.

Bukeye bwaho, Ikinyamakuru Le Monde carasohoye izindi nzandiko zivuga ko abanyamerika bareretse abaserukira Ubufaransa i Washington no mw’ ishirahamwe mpuzamakungu ONU.


Karire F

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.