Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubudagi: Yamaze imyaka 15 agendana ikaramu y’igiti mu bwonko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ubudagi: Yamaze imyaka 15 agendana ikaramu y’igiti mu bwonko

Ubudagi: Yamaze imyaka 15 agendana ikaramu y’igiti mu bwonko

jeudi 30 Rusama 2013

Umusore w’imyaka 24, aridogera ubuvuzi bwo mu gihugu ca Afghanistani kuba ataco bumumarira ku bw’umutwe waguma umeneka atakimuhoza. Ivyuma bisuzuma mu mubiri, vyerekanye ko uwo musore yari afise ikaramu y’igiti mu bwonko imazeyo imyaka 15.

Uwo musore wo mu gihugu ca Afghanistan yari yarungitswe mu Budagi ku bitaro vya Aix-la Chapelle kugira avurirweho, niho abaganga baciye bihutira ku mubaga kugira bayimukuriremwo.

Iyo myaka yose 15 afise ikaramu y’giti mu bwonko, yayimaze umutwe udacureha, ijisho ryiwe ry’iburyo ntiryari rikibona neza, akaguma anapfunapfuna mu mazuru. Abaganga bose yajako, ntaco bamumarira gushika aho bayimukuriyemwo.
Bahejeje kumubaga, barabajije uwo musore ukungene iyo karamu y’igiti yoba yarinjiye mu bwonko bwiwe, ababwira ko we yibuka gusa kuba yarigeze kunyerera kw’ishure agifise imyaka 15 y’amavuka, hama aca arakomeraka ku zuru.

Mwomenya yuko iyo karamu y’igiti yari mu bwonko bw’uwo musore w’umunya afghaanistan, yari ifise uburebure bwa cm 7. Ariko igitangaje, uwo musore ntiyatevye gukira kuko yamaze iminsi mike ku bitaro aca arataha.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.