Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubufaransa bwiyemeje gufasha gutegura amatora yo mu mwaka w’2015 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > Ubufaransa bwiyemeje gufasha gutegura amatora yo mu mwaka w’2015

Ubufaransa bwiyemeje gufasha gutegura amatora yo mu mwaka w’2015

lundi 15 Mukakaro 2013

Ubuserukizi bw’igihugu c’Ubufaransa bwarifadikanije n’abandi bafaransa ku munsi w’ejo mu birori vyo guhimbaza umunsi mukuru aho abafaransa bibuka igihe bafata akarere ka Bastille, umunsi mukuru uba uko umwaka utashe kw’igenekerezo rya 14 Mukakaro.

Mw’ijambo ryiwe, uwuserukira igihugu c’Ubufaransa mu Burundi, Jean LAMY yasavye abategetsi b’Uburundi kubandanya bakora utwigoro mu ntumbero yo kwubahiriza intwaro ibereye n’ukwubahiriza ubwigenge bw’abanyagihugu, ivyo bikazonafasha mu gutegura neza amatora yo mu mwaka w’2015.

JPEG - 87.1 ko
Uwuserukira igihugu c’Ubufaransa mu Burundi, Jean LAMY

Jean Lamy yaboneyeho n’akaryo ko kwibutsa umwitwarariko w’igihugu c’Ubufaransa wo gufasha gutegura amatora yo mu mwaka w’2015, co kimwe n’umugambi wo kurwanya ubukene CSLP 2, cane cane Ubufaransa bukaba bwibanze ku gisata c’indero no kwongerereza ubumenyi abakozi.

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Laurent Kavakure ari nawe yaserukiye Uburundi muri ivyo birori yahamagariye Ubufaransa n’abandi bafasha Uburundi ko boshigira igihugu mu ntambwe zo kwiyubaka kirimwo. Laurent Kavakure yatanze akarorero k’itegeko rigenga amashirahamwe, itegeko rigenga amatora, inama rukokoma y’ubutungane, ishirwaho ry’umurwi w’igihugu ujejwe ukuri no kurekuriranira, atibagiye umugambi mushasha w’ishure shingiro.

JPEG - 81.3 ko
Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Laurent Kavakure

Umushikiranganji Laurent Kavakure akaba yarashimiye igihugu c’Ubufaransa ku migambi kidahengeshanya kurangura mu Burundi ku neza y’abanyagihugu.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.