Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubufaransa: Umugabo yishe umugore na inabukwe biwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubufaransa: Umugabo yishe umugore na inabukwe biwe

Ubufaransa: Umugabo yishe umugore na inabukwe biwe

mercredi 4 Ruhuhuma 2015

Umugabo aturuka mu gihugu c’ubufaransa yishe umugore wiwe na inabukwe imbere y’abana biwe batatu.

Umugabo wo mu gihugu c’Ubufaransa yishe umugore wiwe afise imyaka 38 hamwe na inabukwe afise imyaka 58. Uwo mugabo akaba yishe abo bagore imbere y’abana biwe batatu, uwa mbere w’imyaka 5, uwa kabiri w’imyaka 4, uwundi w’imyaka 3.

Amatohoza ya mbere yakozwe n’abaporisi avuga ko umugabo yatanguye gushwana na inabukwe mu nyuma atangura gukubita umugore yariko ashigikira nyina wiwe. Uwo mugabo niho yarengera kuri abo bagore arabacumita n’imbugita yo mu gikoni imbere y’abana biwe batatu.

Ahejeje gukora ako kaja, uwo mugabo yaciye atwara abana biwe ku mubanyi hama aheza amumbwira ko ahejeje kwica umugore wiwe. Umubanyi wiwe yahamagaye abaporisi maze uwo mugabo bamusanga yicaye iruhande y’ikiziga c’umugore wiwe araheza aremera icaha yakoze.


Lorene Nubwabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.