Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubuhinga bushasha bw’abasuma mu gisagara ca Bujumbura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ubuhinga bushasha bw’abasuma mu gisagara ca Bujumbura

Ubuhinga bushasha bw’abasuma mu gisagara ca Bujumbura

mardi 31 Kigarama 2013

Muri iyi minsi umwaka uriko urahera, ubusuma bubera hagati mu gisagara ca Bujumbura bwanyomoje, mu gihe abasuma bahora bakoza intoke zibiri gusa mu masaho y’abakenyezi canke mu mifuko y’impuzu z’abagabo, ubu naho abo basuma bazanye bishasha.

Hagati y’imirongo y’igituro kiri ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura, umuntu ariko ararengana aroye gufata umuduga umwunguruza, aja abona umwe mu dusoresore twagize ubusuma ubuhizi, agusahuye ivyo ufise agaca yiruka, iyo ugize Imana abantu bakamugufatira, utwawe uraturonka, ariko hari aho ubura imbwa n’imbwebwe, utwawe akatwirukangana, umubona akaducikana.

Ivyo rero abantu bakavuga ko biriko bishika mu gihe abantu baciye ubwenge yaba abagore canke abagabo, kuko amasaho y’abakenyezi ubu batakiyatwarira mu kwaha, ahubwo bahinduye, bayashira imbere aho bayabona, nayo amafaranga y’abagabo, ubu akaba agendera mu mifuko iri kure, ku buryo umusuma ku murango vyomugora kuyakwiba akoresheje intoke zibiri.

Abo basuma biba mu gisagara hagati, barageramiwe n’ababihanira, kuko hagize uwufatwa, akubitwa n’uwuhita wese, akaja gutora ka mitende ari ukwo ashitse mu minwe y’igiporisi gicunze imicungararo y’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura, kuko abahita bose badasubira kumukubita, ahubwo aca ajanwa gupfungwa n’abo baporisi. Ariko rero abatari bake bavuga ko abo basuma batamara na kabiri mu busho, kuko baca bagaruka kwiba abahita abarengana.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.