Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburundi bwaragerageje gutera imbere mu vyerekeye agateka k’abana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Uburundi bwaragerageje gutera imbere mu vyerekeye agateka k’abana

Uburundi bwaragerageje gutera imbere mu vyerekeye agateka k’abana

mardi 17 Ruheshi 2014

Reta y’Uburundi irashimishwa n’intambwe Uburundi bugezeko mu guteza imbere agateka k’abana, ubu abana bagendana ubumuga bakaba bashobora kwiga nk’abandi bana basanzwe.

Mu gihe kw’igenekerezo rya 16 ruheshi, ari umunsi mpuzamakungu wahariwe umwana w’umunyafrika, mw’itangazo ubushikiranganji bwo gufatana mu nda n’agateka ka zina muntu bwasohoye, bamenyesha ko Uburundi bwamaze gushiraho inyigisho zidakumira abana bafise ubumuga bwo kutumva no kuvuga, bakaba basigaye bigana n’abandi bana basanzwe badafise ubumuga.

Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bwo gufatana mu nda n’agateka ka zina muntu yamenyesheje ko abana bafise ubumuga nabo bashobora kwiga nk’abandi bana, nk’uko ivyo vyamaze kuja mu ngiro guhera mu mwaka w’2013, bakaba baranakoze n’ikibazo ca Reta kibaha uburenganzira bwo kuja mu mashure yisumbuye.

Muri iryo tangazo ry’ubushikiranganji bw’ugufatana mu nda, bamenyesha ko abana bose b’Uburundi ubu bashobora kuronswa inyigisho, ubwo bushikiranganji bukaba bwiyemeje kurwanya ivyo vyose vyotuma abo bana bagendana ubumuga bakumirwa.

Mu Burundi, umunsi mpuzamakungu wahariwe umwana w’umunyafrika uzohimbazwa ku genekerezo ya 27 Ruheshi 2014 muri komine Kamenge mu gisagara ca Bujumbura.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.