Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburyo bwiza bwo gutanga imihoho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Uburyo bwiza bwo gutanga imihoho

Uburyo bwiza bwo gutanga imihoho

jeudi 4 Ndamukiza 2013

Kenshi abantu urasanga bifuza kuva mu kazi bakoramwo ,nta numwe ashobora kubibahora .Mugabo nimba hari ikintu udakwiye gukora ni ukugenda bagasigara bakubona nabi.Reka tubahe impanuro kugira uzohave nk’umuganwa,,,,
kuronka akazi ntivyoroshe kandi kukavamwo naho nyene si icoroshe .Ni ugukurikiza ingingo zimwe zimwe zerekeye kubaho neza kugira ukavemwo neza kandi ntucafuze izina ryawe
.

Irabire ivyanditswe n’ikinyamakuru Forbes bizotuma aho uzoja hose uzokwama wibuka neza aho hantu wakora.

-kirazira kugenda ufise agashavu

Ni co gikomeye cane .kirazira kugenda uciriye kubo mwakorana ,canke kugenda ufise agashavu .Kavemwo ariko ntugende ucafuje izina ryawe ,birabishe kugenda bakuzi nabi.Ntibikenewe ko mubanza kugira uburyarya ,ahubwo komeza wiyumvira ku bintu vyiza vy’abo mwakoranye canke umukoresha wawe aho guta umwanya ku bintu bibi bakora canke bagukoreye.Nti mwibagire ko ushobora gusubira guhura nabo n’ikindi gihe dufate wahinduye akazi nta wubizi umuntu aca henshi.

-Gutegura igenda ryawe

Gutanga imihoho ntibiza giturumbuka .N’ukumenya ko isi canke ako kazi wahora ukoramwo vyose ntibizoca bihagarara ngo ni uko utahari ,oya namba .Ahubwo n’ukwiyumvira gushira ku murongo ibintu vyose vyerekeye akazi wakora.Bikore neza cane ivyo uzi ko bizosabwa ko babandanirizako babikora kandi na cane cane ntufate ingendo z’akazi muri iyo misi.Mwibuke kandi ko iyo usubirijwe n’igipimo cerekana ko wari uzi akazi canke atako wari umenyereye.

-Ntimugakinishe umwanya

Iyo uriko urategura kugenda ,umenye ko bimenyekana mu mwanya urume rumara.Rondera rero umukoresha wawe umusabe umwanya kugira umusigurire kugiye guheba ako kazi .Nturinde ku bigira ibintu binini cane fata iminota mike gusa muri babiri umubwire ko ugiye kugenda kandi ivyo birakwiye. Wiyubare kumubwira ibintu wifuza gukora muri kazoza.Gusa umubwire ko wanse kugisha ako karyo gashasha kabizaniye.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.