Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Mbega ndemerewe kwikingira imbanyi ntipfuje gusama?" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > "Mbega ndemerewe kwikingira imbanyi ntipfuje gusama?"

"Mbega ndemerewe kwikingira imbanyi ntipfuje gusama?"

mercredi 21 Myandagaro 2013

Mu mico y’abarundi na handi hatari hake kw’isi, kuronka ikibondo, n’ikimenyetso cerekana umugisha mu muryango. Niyo bishitse umuvyeyi agasama imbanyi atipfuje, umwana akaza igihe atamushakira, aguma ari umugisha.

Ariko rero, n’ubwo kuronka umwana ari ikimenyetso cerekana umugisha kubatari bake, ntibisigura ko abavyeyi boza baravyara uko bishakiye canke bavyipfuje, kuko bishobora kuzana ingaruka zitari nziza haba ku magara yiwe canke ku muryango. Hano mu Burundi hari uburyo butandukanye busanzwe bukoreshwa kuri bamwe mu kwirinda gusama imbanyi batipfuje bivanye n’ukwemera guhari. Kuri bamwe basanzwe bisunga inyigisho baronka mu masengero, bakoresha ukwihanga, ku bandi nabo bemera izindi nyigisho, bashobora gukoresha udukingirizo, utunyuzi canke inshinge zo kwikingira.

Mu buryo bubiri busanzwe buhari hano mu Burundi, bwo kwikingira gusama imbanyi utipfuje, hari uburyo bukoreshwa rimwe gusa, n’ubundi bushobora guhindurwa canke bukoreshwa hose. Ubwo buryo, bumwe bwose bufise ingaruka zabwo mugabo zitari nini nini kandi zishobora no gukosorwa. Kubwa Jerome Nderagakura, umuhinga asanzwe afasha mu bijanye no gutandukanya ivyaro, hari uburyo bukoreshwa rimwe gusa mu kwirinda gusama imbanyi utipfuje, aho ku bakenyezi bisaba ko bazibira n’akanyuzi, agasaho kakira imbuti z’umugabo, ku bagabo naho bakazibira akaringoti k’agasaho k’abagabo, mugabo bishobora kugira ingaruka yo kugumbaha. Ubwo buryo bwose iyo bukoreshejwe yaba umugabo canke umukenyezi nta gusama imbanyi kuhaba.

Ariko k’uburyo bukoreshwa kenshi, hari nk’ibinini umuntu amira iminsi yose, kuri ya saha nyene, atarinze guharura incuro aranguriye amabanga mpuzabitsina. Hariho n’udukingirizo tw’abagabo n’abakenyezi, inshinge zimara amezi atatu, utunyuzi dushobora kumara igihe kirekire. Ku bijanye n’ingaruka z’ubwo buryo bwo kwirinda gusama imbanyi umuntu atipfuje, Jerome Nderagakura, yavuze ko ata muti numwe uhari umuntu yofata, utagira ingaruka yayo, mugabo ingaruka ntiziba ari nininini.

Nk’akarorero, kubafata ibinini (pilule), ingaruka zishobora kuhaba, ni nko kugira iseseme, kumeneka umutwe, ububabare bwo mumabere, kuva amaraso cane. Ariko, iyo uwubinyoye amaze kumenyera kubinywa kukiringo c’amazi atatu, izo ngaruka ntizisubira kwibonekeza. Nayo kubw’ivyo kuva amaraso cane naho bivuye ku nshinge umuntu aba yiteje, barashobora kubikosora kuko kuva amaraso cane ari ibintu bikunda kuba ku mezi atatu ya mbere, inyuma yaho, ubutinyaka buca buhagarara. Izo nizo ngaruka zikunze cane kwibonekeza.

Kubijanye naho n’utunyuzi, ivyo bita ama « infection », ububabare budasanzwe umuntu agira munsi y’umukondo, kenshi buba buvuye k’ukungene ku bakenyezi baba baranguye amabanga mpuzabitsina n’abagabo benshi. Ngeragakura abandanya ati, hamwe abo bakenyezi barangura amabanga mpuzabitsina n’abagabo benshi bovugisha ukuri, bakabwira abaganga ko basanzwe bakora ubuzi bw’ukudandaza umubiri, ntiborinda kubashiramwo utunyuzi. Uburyo nabwo bukorwa barinze kugukuramwo igihimba c’umubiri, uburyo bukorwa rimwe mu myaka itanu, bushobora gutuma ibiro vyongerekana kurugezo rurengeje urugero, muri ico gihe, ni ngombwa ko umuntu aca ahagarika gukoresha ubwo buryo.

Ubwo buryo bwose buhejeje kudondagurwa, burafasha mu kwirinda gusama imbanyi umuntu atipfuje. Ariko, ntibisigura ko uwabukoresheje yoca ashira agati mu ryinyo, ahave amera nka wa wawundi avuga ngo « ahanje ndahejeje, hasigaye aho umwungere », ni ngombwa ko aza arabangikanya ubwo buryo n’impanuro muganga amuhaye. Kuko atabigenjeje uko, hashobora kwaduka inkurikizi mbi zivuye mu buryo bumwe bwo kwirinda gusama imbanyi atipfuje. Hari naho yosama imbanyi kandi yari yikingiye. Ari naco gituma, ari ngombwa kwiyegereza igihe cose umuganga mu bijanye n’impanuro atanga.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.