Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubushikiranganji bw’ubudandaji bwiyemeje gushiraho amategeko agenga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Ubushikiranganji bw’ubudandaji bwiyemeje gushiraho amategeko agenga (...)

Ubushikiranganji bw’ubudandaji bwiyemeje gushiraho amategeko agenga urudandazwa

vendredi 24 Nzero 2014

Guhingura amategeko agenga urudandanza mu ntumbero yo gutunganya neza urudandazwa rukorerwa mu Burundi ni kimwe muvyashitsweko mu bisata vyose birabwa n’ubushikiranganji bw’ubudandaji, amahinguriro, amaposita n’ingezi mu cegerenyo bwasohoye c’ivyaranguwe mu mwaka w’2013.

Mu kiganiro co kuri uyu wa gatanu wa 24 Nzero 2014, Victoire Ndikumana, umushikiranganji b’ubudandaji, amahinguriro, amaposita n’ingenzi yamenyesheje ko muri rusangi ibitari bike vyari bitegekanijwe gukorwa vyashitsweko mu bisata nka vyose vy’ubwo bushikiranganji.
Muri ubwo bushikiranganji, bihweje bimwe muvyaranguwe mu gisata kimwe kimwe cose, mu gisata c’ubudandaji, imiriyoni zitatu n’igice z’amadorari y’abanyamerika nizo zemewe n’abasanzwe bashigikira ico gisata kugira imigambi ishobore kuranguka.
Mu gisata c’amahinguro akorera mu Burundi, ihinguriro ry’isukari SOSUMO ryarakoze ibikorwa bishemeye, rikaba riri no muri amwe mu mashirahamwe yateye imbere mu kurwiza umwimbu.

Mu ntumbero yo kwerekana ibidandazwa ndangakaranga, mu gisata c’utugenegene harabaye amahayanishwagurishwa atandukanye yahuje igihugu c’Uburundi n’ibindi bihugu bitandukanye, Uburundi bukaba bwarashoboye gutahukana n’udushimwe tutari duke.
Mu gisata c’igenzi, ubushikiranganji bwarashinze amategeko ngenderwako akingira ibibanza vy’iratiro kugira ntibihone.
Ku bijanye n’amaposita naho, haruguruwe ibibanza vyo gukoreramwo agera kuri 21 mu makomine yari asigaye mu gihugu.

Mwomenya ko mu migambi itegekanijwe gukorwa mu mwaka w’2014, ubushikiranganji bw’ubudandaza bwiyemeje kuzobandanya bikora ibitashoboye kurangurwa mu mwaka uheze, bwongere burushirizeho no kunonosora ibijanye n’amategeko agenga urudandazwa mu Burundi.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.