IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ubusuma buteye amakenga muri kaminuza y’Uburundi

Ubusuma buteye amakenga muri kaminuza y’Uburundi

vendredi 18 Ndamukiza 2014

Mu biro vy’ubuyobozi bwa Kaminuza y’Uburundi, haherutse kwibwa ibikoresho vy’icuma bita unité centrales, izo nazo zikaba zikoreshwa mu gutunganya intonde n’ibiharuro bijanye n’itangwa ry’agafashanyo k’abanyeshure.

Ivyo vyuma vyibwe mu gihe abanyeshure ba kaminuza za Reta bamaze ukwezi batiga, biyamiriza itunganywa rishasha ry’agafashanyo baronka. Ubwo busuma rero bukaba buteye amakenga abatari bake, mu gihe mu kigo ca Kaminuza ku Mutanga hasanzwe hari ikirindiro c’abaporisi n’abanyezamu barara imbere y’izo nyubakwa, ndetse no ku miryango yose yinjira hakaba hacunzwe kandi ntanahamwe habomowe.

Anatole Nzinahora umuyobozi w’ibigo vya Kaminuza, aremeza ko ubwo busuma bwabaye ko kandi ko atari n’irya mbere buba, akamenyesha ko amatohoza yatanguye. Bamwe mu banyeshure bo bamenyesha ko ari umugambi wateguwe, kuko n’ ikivyemeza, hari umugwi w’abanyeshure bivugwa ko ari Imbonerakure wagarutse mu bigo vya kaminuza ku Mutanga, binjiye mu kinyegero ndetse ubwo busuma bukaba bwoba bufitaniye isano n’abo bahinjiye bitazwi.

Bamwe bavuga ko rishobora kuba ari irementanya abandi bakavuga ko ubwo busuma bugamije kunyegeza ibiharuro vyerekana, ingene agafashanyo gatangwa. Ivyo navyo bikaba bivugwamwo amahinyu atari make. Amakuru atangwa na bamwe mu banyeshure bakurikiranira hafi ibibazo vyabo, avuga ko amafaranga arenga imiriyoni amajana abiri na mirongo itanu ( 250 000 000 fbu ) yakaswe ku banyeshure bo mu myaka ya kabiri, igihe bahagarika ivyigwa.

Abanyeshure bakaba basaba ko hoba amatohoza adahengamye, kugira hamenyekane ukuri n’icatumye bamwe mu mbonerakure bagaruka mu bigo vya kaminuza abandi bataraza, kuko babona ko vyoba bifitaniye isano, ikindi akaba ari ubwoba bw’ibintu vyasizwe n’abo banyeshure mu vyumba bari basanzwe babamwo, bavuga ko navyo bishobora kwibwa n’aho bari basize bugaye.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.