Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubuzi bwashinzwe ku rwaruka rwo mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Ubuzi bwashinzwe ku rwaruka rwo mu Burundi

Ubuzi bwashinzwe ku rwaruka rwo mu Burundi

lundi 6 Rusama 2013

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu S.E Gerevazi Rufyikiri yaratanguje uruganda rwahariwe gushira urwaruka mu buzi.Mu irwo ruganda, vyari bitegekenijwe,kugaruka ku kibazo kijanye n’ububuzi mu Burundi.

Leta y’Uburundi yarashizeho imigambi itandukanye itanga icizere kubanyagihugu b’abarundi barondera ubuzi.Iyo migambi nayo ni nk’iyi :-Uburyo bwo gushiraho ibikorwa binini binini nko Kwubaka no gusanura amabarabara matomato, amabarabara ya kijambere canke y’amabuye mu bisagara,kwubaka no gusanura ibigomero vy’amazi n’umuyagankuba,hamwe n’ubuzi bwategekanijwe mu gisata c’ubutare n’agataka.

Leta y’Uburundi ntikiri iya mbere mu gutanga ubuzi.

Mu gisata ca Leta,guhera mu mwaka w’ i 2012 kushika uno mwaka w’i 2013, yaratanze ubuzi bugera ku 6000, mu bisata vyose :

- Igisata c’indero ( abantu bagera 4756 ni baronkejwe ubuzi,muri abo,hari abashizwe mu mashure matomato no mu biro bitandukanye ku rwego rw’inyigisho zo mumashure yisumbuye) .

- Igisata c’amagara y’abatu(kuva mu ntango z’umwaka w’i 2013,abantu bagera ku 350,ni bo baronkejwe akazi,muri abo,hari abagizwe abaganga,abandi abaforoma,abandi abajejwe gupima indwara mu ma laboratoire,n’abandi baza gufasha).

- Igisata cerekeranye n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi (961 batowe) ;… .
Mu gisata c’abigenga mu Burundi, mu mwaka w’i 2012, hatanzwe ubuzi bugera ku 8700, muribwo, 2000 bwavuye mu mashirahamwe yaronse uburusho mugutanga amafaranga n’ukuvuga amafaranga y’amarundi agera ku 900 Mds.Muri ubwo buzi, 6700 bwashizweho biciye mumashirahamwe no mumahingururo,ayo akaba yarafashijwe n’ibanki imwe ya API(Agence de l’Etat des Investissements).
Amashirahamwe 1900 yashizeho ubuzi mu gisata kijanye n’ihinguriro y’ibiterwa mbumbarugo ;mu gisata c’ubutunzi,mu bijanye no kwubaka ;mu ma banki ;mu gisata c’magara y’abantu ;n’ibindi.

Mu gisata c’abigenga mu Burundi,ni amashirahemwe n’amahinguriro bigera kw’i 120 bishingwaho ku kwezi ku kwezi, mu Burundi.Ayo nayo akaba ari ayasanzwe ashigikira imiryango,aho mbere agakoresha abantu bagera kuri babiri.

Uburundi bukaba buriko bashinga uburyo bwo gushinga akazi ku rwego rw’igihugu.Muri uno mwaka w’i 2013,hazoshingwa uburyo bwo gutanga akazi mu ntara zose z’igihugu.
Bakaba bozoshimikira cane,gushinga ubuzi ku rwaruka rwo mu mitumba.N’ukuvuga, gutanga ubuzi ku’urwaruka rutari ruke biciye mu ntara zose ;kwigisha urwaruka kwitegurira imigambi ijanye n’iterambere rizobateza imbere,gutanga imitahe mikekugira batanguze imigambi y’iterambere,gutanga icizere ko ingurane izoronswa kuri ayo mabanki abo atanga imitahe mitimito,yatowe n’abafasha kugira bashigikire uwo mugambi.

Gerevazi Rufyikiri,icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu,yaratanguje muri ino ndwi, umugambi ujanye n’ubutunzi,werekeranye « n’ubuzi k’urwaruka rwo mu mitumba ».Kubwa Odette Kayitesi,umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi,ibice birenga 90 kw’i 100 vy’abanyagihugu b’abarundi babeshejweho n’uburimyi.Hamwe n’uwo murimo mwitumo,bisabwa kugishiraho inyungu ku gisata kijanye n’uburimyi bushobora gutuma haba ubuzi bwinshi.

Uwo mugambi uzotangura mu ntara zatowe guserukira izindi,arizo Bubanza na Ngozi.Mu kiringo c’imyaka ine,uwo mugambi uzokwungukaamafaranga agera kumiriyaridi zigera kw’9,14 y’amafaranga y’amarundi,ni ukuvuga imiriyoni 7,43 vy’amaadorare y’abanyamerika.

Intara ya Ngozi yatowe kubera iza imbere y’izindi ntara zo mu Burundi, mu bikorwa vy’iterambere n’ukungene iteye imbere mu gisata c’ubutunzi.Bubanza nayo, ikaba ifise abahungutse n’abasubijwe m’ubuzima busanzwe benshi.

Umwaka w’i 2013, uzoshira imbere cane,imigambi yo kwongereza ubuzi no kurushirizaho gushiraho uburyo abantu botera imbere. « Igendo dushaka gushira imbere,ni guhamagarira abarundi bose,na cane cane urwaruka,kugira bategure bonyene imigambi ijanye n’iterambere,kugira iyirangize no kugira batange n’akazi.Mu majambo make,ni guteza imbere umutima wo gushinga ubuzi »,ivyavuzwe n’umwe mubarikumwe n’icegere ca kabiri c’umukuru w’igihugu


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.