Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubuzima bw’abapfakazi mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Ubuzima bw’abapfakazi mu Burundi

Ubuzima bw’abapfakazi mu Burundi

mercredi 25 Ruheshi 2014

Intambara, indwara n’ubukene, ni bimwe mu bituma haba ubupfakazi n’ubupfuvyi bwinshi. Mu matohoza aheruka gukorwa mu Burundi mu mwaka w’2009, ku bantu baharurwa mu miriyoni zababa 9, ibice 10 kw’ijana muribo ni abapfakazi.

Uko umwaka utashe, ibihugu bigera kuri 52 vyo kw’isi, birahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe abapfakazi, kuva mu mwaka w’2011. Naho mu Burundi uwo munsi mpuzamakungu utaremezwa mu nama nshingamateka, amashirahamwe y’abapfakazi arifadikanya n’ibindi bihugu mu kuwuhimbaza.
AVBU (Association des Veuves du Burundi), ni rimwe mu mashirahamwe y’abapfakazi mu Burundi. Ryatangujwe n’abapfakazi 2400. Gutorera inyishu hamwe z’ibibazo vyugarije abapfakazi no guhanahana ivyiyumviro vyo kwiteza imbere, ni bimwe mu vyatumye abo bapfakazi bunga urunani mu gufatana mu nda.

Mu bikorwa iryo shirahamwe ry’abapfakazi ryigisha aho rimaze gushinga imizi (Bururi, Makamba, Muramya na Bujumbura Rural) harimwo kurwanya ubukene mu miryango, kubana neza n’abandi, gutegura imigambi y’iterambere nko kurima, kworora, gushona n’ibindi.
Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, kuri uwu wa kabiri wa 24 Ruheshi 2014, Nimubona Riduine arongoye ishirahamwe AVBU yamenyesheje ko zimwe mu ngorane nyamukuru zihanze abapfakazi, harimwo ubukene, ubunyakamwe n’uburuhe bwo gutunga umuryango bonyene.

Inyuma y’izo ngorane nyamukuru, abapfakazi bo mu Burundi baragira n’izindi zo gukumirwa, gusuzugurwa n’umuryango kandi bikagorana no gutorana itunga abagabo baba barasize. Nimubona Riduine akavuga ikibazo co gutorana ku bapfakazi kikiri intambanyi kuribo, na rirya n’itegeko rigenga abapfakazi ritaremezwa mu Burundi.
Inkurikizi zica zibonekeza zivuye ku bupfakazi, hariho ubupfuvyi bwinshi, abana barezwe n’umuvyeyi umwe badaheza baronka indero ikwiye, ihahamuka haba ku mupfakazi, haba no ku mwana yarezwe n’umuvyeyi umwe, canke hakaduka n’izindi ngeso mbi zo gushurashura maze indwara zikanandurukiramwo.

Umukuru w’ishirahamwe AVBU, akaba yasavye Reta y’Uburundi kwiga ikibazo c’itegeko rigenga abapfakazi riguma risubizwa inyuma mu nama nshingamateka, hamwe n’ukuronsa imitahe abapfakazi kugira bashobore kwibeshaho bataciye mu ngeso mbi.

Mwomenya ko kw’isi yose, umunsi mpuzamakungu wahariwe abapfakazi wama uhimbazwa kw’igenekerezo rya 23 Ruheshi. Mu Burundi uzohimbazwa mu mpera z’ukwezi kwa Ruheshi, kw’igenekerezo ritaramenyekana.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.