Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uganda : Abanyagihugu basaba Reta gukura abiba amatungo ya Reta canke Reta (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uganda : Abanyagihugu basaba Reta gukura abiba amatungo ya Reta canke Reta (...)

Uganda : Abanyagihugu basaba Reta gukura abiba amatungo ya Reta canke Reta itange imihoho

vendredi 7 Ntwarante 2014

Mu gihugu c’Ubuganda, kuva mu mwaka w’2012, abanyagihugu baho bafashijwe n’ishirahamwe ataho ryegamiye mu vya poritike ActionAid, baratunganya umyiyerekano yo kurwanya igiturire muri ico gihugu, ku wa mbere wa buri ukwezi, bambaye impuzu zirabura nk’abari mu kigandaro.

Iyo myiyerekano abanyagihugu bambaye impuzu zirabura mu bisagara nka vyose vy’igihugu uhereye kuri Kampala umurwa mukuru, abari mu myiyerekano bakaba barungikira ubutumwa bamwe mu bategetsi bagirizwa amakosa y’ubunyonyezi bw’amafaranga menshi. Mu mwaka w’2013 gusa, ico gihugu kikaba carishe amadolare angana imiriyaridi 15 z’Amerika, kubera ubusuma, buri muri bamwe mu bategetsi. Ibihugu vyarishwe amadeni kubera itunganywa nabi ry’imfashanyo bikaba nka Norvege, Ubwongereza n’ibanki y’isi yose.

Mu banyagihugu rero batandukanye, agashavu akaba ari kose iyo habaye iyo myiyerekano, basaba Reta kubogoza abo bose banyuruza amatungo ya Reta, canke Reta yose igatanga imihoho, mu gihe idashoboye gufata ngo ite mu mvuto, abo banyonyeza amatungo ya Reta. Abo banyagihugu ugasanga bagendana ivyapa vyanditseko :’’Subiza amafaranga yacu mwanyuruje’’

Abari muri iryo shirahamwe ataho ryegamiye mu vyaporitike, bakamenyesha ko batanguye kwiyumvira kuja hamwe n’abanyagihugu kugira bamire, kuva aho abo abari mu nzego zimwe zimwe z’igihugu batanguriye kugaragarako akageso k’ubusuma, bw’amafaranga ava hanze aje nk’imfashanyo. Abari muri iryo shirahamwe bakavuga ko bakangurira abanyagihugu, kugira bamenye ko imfashanyo ziva hanze ari izabo, kandi impera n’imperuka zirihwa n’abanyagihugu mu makori batanga. Abanyagihugu rero bakabwirizwa kuba magabo, nk’uko ActionAid ibivuga.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.