Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ugushiramanga kurakenewe ku bigeme mu kugira biyungunganye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Ugushiramanga kurakenewe ku bigeme mu kugira biyungunganye

Ugushiramanga kurakenewe ku bigeme mu kugira biyungunganye

mardi 18 Ruheshi 2013

Umwigeme Bora ni umunyeshure yiga kuri kaminuza y’umwizero w’afrika, afise imyaka 24 akaba afise inzu imwe basokorezamwo imishatsi y’abapfasoni, bagasuka. Arafise kandi i butike adandarizamwo amavuta yo kwisiga, impuzu z’abana iyo butike ikaba iri hagati y’ibarabara rihuza Jabe na Bwiza hamwe n’ibarabara rya 5 ryo muri komine Bwiza.

Uwo mwigeme arongera agakodesha intebe, ibikoresho vyo mu gikoni ku bantu baba bafise imanza z’ubugeni, gukwa hamwe no guca ku mazi. Kubwiwe n’uko umwigeme yoshira amanga, akiyemera mu gushinga amashirahamwe hamwe no gufasha mu guteza imbere igihugu cacu.

Bora akaba yamenyesheje ko agitangura yakora mu nzu zo gusokorezamwo imishatsi y’abakobwa « salon de coiffure » z’abandi ariko inyuma yaho yaciye atangura urudandaza ruto, ahereye ku mahera make yagiye araronka, yaciye aza arabika kuko yari afise indoto : « Nararota kwugurura inzu yo gusokorezamwo imishatsi niho mu kwezi kwa Ndamukiza umwaka w’2011 nashika kuri iyo ndoto yanje.’’

Yamenyesheje ko « kwiyungunganya bidasaba cane umutahe munini, ahubwo bisaba gutsinda ubwoba, kandi ukareka gufata ku mutwe cane inkuru z’abandi bitagendeye neza. Nk’akarorero, nk’igihe nariko ndahanuza ko noja kurangura mu gihugu c’Ubuganda, abantu bamwe bamwe bambwira ko vyokunda ari hamwe mfise n’miburiburi amafranga agera ku 1500 y’amadorari. Naciye ngira amatohoza ncandagenda mfise amafranga agera ku 800 y’amadorari.»

Ni ukwimenyereza kuba wigenga mu buzima

Yarasiguye ko ubwa mbere yarafise kimwe bita casque imwe, isafuriya 12, amafurusheti hamwe n’amasahani. Ubu rero ivyo akora bikaba bituma ashobora kuronka uburyo bwo kubeshaho umuryango wiwe hamwe no kuriha abakozi bane akoresha. « Ubu ndashobora kuriha amafranga y’ishuri, ariko ibiruta ico n’uko urwo rudandazwa rungira umuntu yimenya, mu buzima nshobora gutunganya ibintu.

Yaciye aboneraho n’akaryo ko guhanura umwigeme w’umurundikazi kugira ingoga zo gushira mu ngiro indoto zabo atari ukwama ugendera ku wundi muntu. « Nibaza ko umuntu wese afise indoto. Ukurondera uburyo kugira arangure umugambi nico gikorwa nyamukuru. » Bora akaba yarangije ahimiriza bagenziwe b’abarundikazi gushira ubwoba, biyumvire imigambi y’iterambere aho yagize ati : « Turashoboye »


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.