Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ukwirukana umushingamateka Karori Nditije muri UPRONA kwoba gufise (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ukwirukana umushingamateka Karori Nditije muri UPRONA kwoba gufise (...)

Ukwirukana umushingamateka Karori Nditije muri UPRONA kwoba gufise intumbero?

mercredi 2 Mukakaro 2014

Mu mugambwe w’Abadasigana UPRONA, umugambwe umuganwa Rudoviko Rwagasore yari asanzwe avamwo ntibasigaye inyuma nabo mu kwifurizanya imyaka 52 igihugu kironse intahe yo kwikukira. Uwo mugambwe wahimbaje uwo munsi mukuru mu gihe bivugwa ko Karori Nditije arongowe ishami rya UPRONA ritemewe na Reta yandikiwe ikete ko yirukanwe mu mugambwe

Umushingamateka Karori Nditije umukuru w’uwo mugambwe, ishami ritemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, akaba yabariye ikinyamakuru IGIHE ko ubu bari mu mageragezwa batewe na bamwe mu badasigana. Ariko akamenyesha ko batacitse intege kandi atazo bazocika, kuko amageragezwa bariko baracamwo n’umuganwa Rudoviko Rwagasore yayaciyemwo, igihe yagirizwa n’abazungu ko ari umuzirarumenyetso, akaburagizwa mu mice myinshi itandukanye.

Umushingamateka Nditije rero akavuga ko bitebe bitebuke, abadasigana bo bene umugambwe bagiye kuzoshira ibintu mu buryo, bagatatura amatati ari mu mpande zose. Avuga ko urwego rukuru rw’umugambwe buca rukorana, rugashiraho inzego, kandi ivyo bigakorwa mu minsi ya vuba. Muri ivyo birori vyari vyitabwe na bamwe mu badasigana bagendanye n’umuganwa Rudoviko Rwagasore, bamwe mu bahoze baramutswa amabanga akomeye mu gihugu, abashingamateka, abakenguzamateka n’abandi banyacubahiro, bakaba bavuga ko bipfuza ko abadasigana biyunga vuba.

Ariko rero ukwo kwiyunga bikaboneka ko kuri kure nk’ukwezi mu gihe umupfasoni Concilie Nibigira yaheruka kwandika ikete amenyesha ko umushingamateka Karori Nditije ko yirukanywe mu mugambwe UPRONA, ivyatangaje ndetse bamwe mu bagasigana aho iyo nyifato bavuga ko ari iyije kubasamaza, kugira igikorwa co kwiyunga no guha inzego umugambwe gisa n’icariko kiragera kure gisubizwe itoto, bakagiriza uwo mupfasoni kwihebura baravye aho ivyo bikorwa vyo kwiyunga bigeze, mu gihe bagiriza uruhande arimwo kuba rushira imbere inyungu zabo, gutinya gutakaza ibibanza barimwo mu gutuma indyane muri UPRONA zihaguma.


Aristide Nizigire

Messages

  • IYO NIYANDOTO YA UPRONA YIFUZA KO ABAHUTU BOSE BOJA MURI FNL, BAKAVA MURUYO MUGAMBWE WABAVUKANA IMBUTO!!!!!!!! NDITIJE INGO MUBANDI KWA RWASA BAGUHE UBUTEGETSI NAYO AHOHO HARABABA!!!!!!

  • Levis tu es idiot!!urumva francais?uri ikijuju cuzuye amacakubiri gusa!!

  • Nibamwirukane birakwiye kandi natwe twandika tureke gucokorana umuntu yirat’uwamuhaye, nditije abimeny’abimenyere no munama nshingamateka azoc’akinjura abahakeneye turi benshikandi mandat yaheze ,, nihahangame Umugambwz w’Abadasigana uringowena cconcilie Nibigira, nihahangame Umugambwe CNDD FDD kukw’iyo Mugabe niyo yasubij’agaateka Umwana w’Umututsi yari yaranizwe n’abahima bo mumirambizo y’Igihugu bo baterekw’umututsi ava muzindi Ntara.

  • Komera Concoilie! Abari bibaza ko ataco ushoboye ni bate bomoke n’abandi basigaye bazoshaka gutoba tuzobagira nka Karori bidatevye

  • Umuhutu yama yiruka ku wundi!Ntabe yahagarika ba Gasutwa!Ewe wa mugore w’Umupfakazi uzosiga utovye isoko!Rindira Nduwimana agukarabe urabe ingene udumako urusazi!

  • MUCO AHUBWO WEWE NIWE MBONA KO URI UMUKEHA BWENGE, KUKO UFAKUVUGA IVYO UTAZI !!!!!!!! REKA NKWIBUTSE, NIKORA MAYUGI URAZI ABAMUGANDAGUYE???????? YAZIZE KO YAVUZE MURI MITINGI NGO: ( TORA IKIRI KUMUTIMA WALE NIWAJANJA. ) WOMBWIRA ABAMUKARAVYE?????????? WOMBWIRA IGITUMA YAHAMBWE KUMUGUMYA????????? IKINDI HARI INAMA YA UPRONA YIGEZE KUBERA MURI ODEO PALASE YAKERA, ABATUTSI BABAPORONA BARANSE KO INAMA ITANGURA ABAHUTU BABAPORONA BADASOHOTSE !!!!! KANDUNDURA NA NGEZE FRANCOIS BASABA KWASOHOKA, UZI NIGIKORWA CIZA YABAKOREYE KWITARIKE YA 21/10/1993 HAHAHAHAHAHA NONE NAWE NTAWOGUSHAVURIRA KUBONA WITA LEVIS KO ARI IKIJUJU, MUGIHE WEWE URI UMUKEHA BWENGE !!!!!!! NANJE NDEMERANIJE NA LEVIS KO NIHAGIRA UMUHUTU WUMUPORONA AZOTWARA UWOMUGAMBWE IMYAKA ITANU NZOGUHERA!!!! UTAZI POLITIKE YIBURUNDI UCA WUGARA AKANWA. NIWISHURA IVYOBIBAZO UBAJIJWE NIHO UMUNTU YOHEZA AKAMENYA, HAGATI YAWE NA LEVIS IKIJUJU ICARICO!!!!!!!!

  • kuva aho mwacokoreye konsiriya, araberetse ko ataruwo gukindirako!!!!!!! kandi aberetse ko ivyo muvuga ari nkogusura mumuyaga!!!!!!!! muragabe ubuhasigaye ko abikurutako hihihihihi

  • mbega mwomenyera gasutwa ari mugihugu ko adakoma???????????? duheruka kumwumva kera, nagire ico avuze kuvya konsiriya!!!!!!!! canke yagiye mu rwanda, kurondera abacangero kumwe yabigira kuri buyoya. kirya gihe yaravuyeyo ubuho afashwe bwoba ubuzima bwiwe bwose, akazotezurirwa na pacific yabaye umukuru wigihugu huhuhuhuhuhuuuuuu

  • ABAGABO SOHOKKA UPRONA ABAKENYEZI TWANIZWE KERA MWESE ABAKENYEZI MUZE DUSANGE CONCILIA..

  • ABAGABO SOHOKKA UPRONA ABAKENYEZI TWANIZWE KERA MWESE ABAKENYEZI MUZE DUSANGE CONCILIA..

  • Conciliya we, ureteye isoni, uriteye n’abarundikazi bose. Ariko umenye ko gukorera CNDD-FDD ari ugukorera ubwije. Maudit soit le jour ou tu est nee

  • genda Nibigira urikuye umukoshi maze twumvise ko yasahuye ubutunzi bwumugambwe (uprona) umuhe abamucunga ntabutorokane atavuze abobabwibanye(bafatanije)

  • Sigaho murapfiki ko mwese muri bene Burundi Imana yaremye uburundi ari igihugu ciza gitemba amata nubuki none uyumusi murakizingamikishije politike ipfuye yuzuye amacakubiri no gutsontsomerana mugashika naho mwifuza gusesa amaraso yabene Burundi umunsi umwe Imana Data izoshira mukatabesha uwo wese yagirizwa amaraso yabarundi hamwe no kubacanishamwo.VOUS abanyapolitique biracashoboka ko mwobiba amahoro namahonda mugihugu aho kubiba urwanko kuko Imana iracakunda igihugu cacu. NIMWAHARIRANIRA DATA NAWE AZOBAHARIRA IVYAHA VYANYU

  • Abo batama bama bigira abashingantahe,bigira ngo nibo ntungane,nibaje kugahinga batekereze,kuko abao narabivuze n’ubu hinge ndabisubiremwo.banunuje uyo mugambwe kuva kera uburundi bucikukira,basomba bashira mumifuko yabo,badategura kazoza,kandi uyo mugambwe kuva uaho ntiwigeze urongogwa n’UMUFASONI numusi n’umwe,uburero ba IFB bose mutumiriwe gushigikira uyo mufasoni nkamwe mwitere agateka namwe,kuko abo bashingantahe Banyu vyarabananiye kuja hamwe,ngo bawuyobore neza,murabona kobaguma bacanamwo bitewe nubukunzi bwinda zabasumvye,bakazikunda gusumvya uko bakunda uyo mugambwe,ikindi bashize imbere naho badashaka kuvyerekana bawutiriye ubwoko bw’Abatutsi,n’umuhutu awurimwo nikirerekesho conye,coguhuma amaso amakungu.wewe jean petit na kaheze ndabashigikiye muvyo mwashikirije kuko mwebwe biboneka ko mukurikiranira politique y’uburundi hafinkajewe,tuvyunva kumwe rero,mukomere tugume dukebura tudatukanye,kugira abo batama bakure izongorane mumitwe yabo.

  • Nkajewe Mama kudashigikira uyu Concoillie vyobavyajegute ? ubwambere numukenyezi yerekanye ko uyumusi ko atawukwiye kuwugereranya nejohaheze, ahabakenyete abagabobavuga tugakomamashi, ikindi Concoillie numuntakuze azikahise akamenya nakubu numurundikazi womutwoko bwabatutsi badashaka uwariwewese ashirimbere ubwishime nkabumwe bwakera arinabwo bwatumye ahekurwa nanjenkahekurwa ekambere ntanumwe uyumusi yovugako atahekuwe murabizi, abarundirero uyumusi bashirimbere ubwishime basigaye bari mubahutu nabatutsi arikwamahirwe uwomurwi ukoresha ubwishime nubugambanyi mukudandaza igihugu nabarundi kunyungu zabo nibakecane, uburero harabahutu nabatutsi biyemeje kuzokwama bashinzijisho akokarwikinjavyi kugira bazoze barakabuza kuguza igihugu nabakibamwo. Akokarwirero kararwiriyemwo abantu bashobora kukwereka kobagukunda kandimuvykuri aruruhemo, mutigute? Nimwirebere ukuntu Nditije yafashe abashingantahe nabafasoni babashikiranganji akababwirango nibeve muri reta! ariko Karori Nditije kubera yarumushingamateka yabwiye abashingamateka ngobobo nibagume mubibanzavyabo! Barundi barundikazi uyumusi haragezeko mukanura nayobitagenzegurtyo basesankuyoze bazokomeza kubahenda mubona. Concoillie ivyonivyoyase ariko afashijwe numutima Imana yamwihereye wogukunda abarundi bose adatoranije bitebebitebuke azohabwa umudale mbere abarundi dutevye kuwumuha amakungu arawumuha bidatevye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.