Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugabane wa Afrika urabangamiwe n’urudandazwa rw’imiti ya magendo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umugabane wa Afrika urabangamiwe n’urudandazwa rw’imiti ya magendo

Umugabane wa Afrika urabangamiwe n’urudandazwa rw’imiti ya magendo

lundi 14 Nyakanga 2015

Abantu ibihumbi 800 bo ku mugabane wa Afrika nibo bahitanwa n’ugukoresha imiti ya magendo uko umwaka utashe.

Mu gihe kuri uno wa mbere igenekerezo rya 14 Nyakanga 2015,hatanguzwa isekeza mpuzamakungu ryiyamiriza imiti ya magendo,ku civugo «Umuti wo mw’ibarabara urica»,ishirahamwe ryitiriwe Chirac ryihaye intumbero yo kwigisha abantu benshi bashoboka.

Mu bituma abantu bihutira gukoresha imiti ya magendo,ni uko imiti y’ukuri usanga izimvye bigatuma mu bigega vyayo idasohoka neza,bigatuma haba iyisohoka iciye ku ruhande.

Mu miti,igurishwa ku masoko atazwi n’amategeko,ashobora kuba arimwo ibiyikoze vyica,canke ibindi bikozwemwo bishusha n’imiti y’ukuri ariko bigashobora gutuma umuti utera izindi ndwara,ubumuga canke urupfu rw’umurwayi afashe uwo muti.

Mw’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS bamenyesha ko,umuti 1 ku miti 10 ari umuti wa magendo,umuti i kuri 2 igurishwa biciye mu buhinga ngurukanabumenyi nawo ni uwa magendo.

OMS imenyesha kandi ko,hagati y’ibice 30 na 70 kw’ijana vy’imiti igurishwa ku mugabane wa Afrika ari iya magendo.Naho ihitana ubuzima bw’abantu,abayidandaza bobo bayikuramwo amafaranga ashika imiriyaridi 200.


Van Naris Mugisha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.