Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugabo wiwe yamusutse « ACIDE » mu maso - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umugabo wiwe yamusutse « ACIDE » mu maso

Umugabo wiwe yamusutse « ACIDE » mu maso

dimanche 9 Ruheshi 2013

Uguhohotera abakenyezi kwibonekeza kw’isi, hari ahandi ho abakenyezi bahohoterwa, ndetse ugasanga ivyo bakorewe bibaye nk’akamizwe n’ingoma. Ibihugu bivurwa cane ko bitubahiriza agatweka k’abakenyezi bikaba ari ibihugu birwiriyemwo abari mw’idini rya Islam.

Abakenyezi rero bo mu bihugu vyo muri Aziya ndetse n’ibindi bihugu bike vyo muri Afrika, bavuga ko abagabo babahohotera cane kuko bahanwa cane n’amategeko y’idini kuruta uko bohanwa n’amategeko ya Leta, hagera ku bihano vy’abagabo babo naho bikaza bisumba ivyo vyose. Abo bakenyezi bibutsa ivyakorewe mugenzi wabo wo muri Pakistani aho umugabo wiwe yamuhinduye mu maso, aho bivurwa ko yoba yamusutse « ACIDE » mu maso asinziriye, aryamanye n’umwana wiwe w’imyaka itanu.

Uyo mukenyezi yemeza ko yaterwa agahinda n’umwana wiwe amuravye mu maso kuko minsi yose yaca aturikisha akarira, yibutse uko umuvyeyi wiwe yasa kera, agaca araba ukuntu yahinduwe mu maso asigaye ateye ubwoba. Inyuma y’imyaka icumi n’ibiri umugabo wiwe amugize ukwo, yahisemwo kwiyahura, ava mu nzu y’amagorofa atandatu yikororera hasi.

JPEG - 10.2 ko
imbere y’uko asukwa acide mu maso yasa uko

Fakhra Younus yari umutamvyi wo mu gihugu ca Pakistani, akaba yari yaragerageje kwivuza mu bihugu vya Buraya.

Abakenyezi bo mu bihugu birwiriyemwo abari mw’idini rya Islam bakavuga ko bababazwa n’ihohoterwa bakorerwa, basaba ko amashirahamwe mpuzamakungu yitaho agateka kazinamuntu, ko yobafasha kugira nabo baronke uburenganzira bakwa n’amategeko amwe amwe y’idini.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.