IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Umugambi mushasha wishinze kugaburira abana ku mashure matomato

Umugambi mushasha wishinze kugaburira abana ku mashure matomato

mercredi 19 Ruheshi 2013

Kubura ivyo bafungura no gufungura nabi ni bimwe mu bituma igitigiri c’abana baheba amashure congerekana, mbere n’indero yabo igatituka.
Ivyo bikaba ari ivyatangajwe n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe ivy’ibifungurwa kw’isi, PAM mu ruganda bari bateguye kuri uyu wa gatatu wa 19 Ruheshi 2013 bafadikanije n’ubushikiranganji butandukanye n’amashirihamwe mpuzamakungu atandukanye nka FAO, OMS, UNICEF,GIZ, FIDA, n’ayandi.

Urwo ruganda rukaba rwari kwerekeye guhimiriza no guhamagarira abafasha umugambi mushasha bise HGSF (Home Grown School Feeding) wishinze kugaburira abana ku mashure. Intumbero yawo akaba ari guhimiriza abavyeyi kurungika abana bivuye inyuma mu mashure, kwongerereza igitigiri c’abiga no kugabanya gufungura nabi mu mashure. Ivyo bikazotuma abavyeyi bose na cane cane abakenyezi kwihatira gukora ibindi bikorwa vyo mu rugo.

Mw’ijambo ryo kwuguruza urwo ruganda, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gervais Rufyikiri yashikirije ijambo avuga ko mu mugambi “Vision Burundi 25”, Leta y’Uburundi yatanguje kuva mu mwaka w’2005 umugambi munini bise ”Ecole pour tous” aho intumbero ari gukomeza ubumenyi bw’intango ku banyeshure bakiri mu mashure matomato kugeza mu mwaka w’2025, gushira indero y’abana mu migambi y’igihugu nyamukuru y’iterambere.

Uwo mugambi mushasha wishinze gufungurira abana bo ku mashure mato uje ufise iyindi ntumbero yo guteza imbere igisata c’ubutunzi nic’uburimyi n’ubworozi kuko ibifungurwa ishirahamwe PAM yahora ikura hanze kugira igaburire abo bana bo ku mashure matomato, igiye kuza irabigurira abarimyi bazoba basanzwe barimira mu ntara ayo mashure azoba arimwo. Mukamenya ko kuri ivyo, umugambi wahahora utateza imbere abarimyi bo muri izo ntara.Uburyo bushasha rero bukazofasha abarimyi kwongereza umwimbu kuko isoko rizoba ryiyongeye. Uburundi bukaba bwiganye igihugu ca Brezil gisanzwe gikora uwo mugambi ku mashure matomato.

Uwo mugambi nyene ukaba ugamije intumbero nyishi, mugabo ahanini ukazoja mu ngiro kugira uteze imbere abarimyi baba mu ntara bene ayo mashuri ari, abana nabo baronke ivyo bafungura kw’ishure, baronke n’umwanya wo kwiga batashe i muhira aho kuja kurondera imfungurwa, mbere n’abavyeyi babo baharonkere akoyoko kubera baca baja mudukorwa tundi aho kuronderera ivyo kurya vy’abana.

Kubw’uwuserukira PAM mu Burundi, Bienvenu Djossa, uwo mugambi uzotuma igitigiri c’abana baheba amashure kigabanuka n’ubumenyi mu mashure bwongerekana. Ku bijanye n’intumbero PAM ifise naho kuri uwo mugambi, intumbero nyamukuru n’ukugabanya gufungura nabi no gushigikira Leta y’Uburundi n’ayandi mashirahamwe mpuzamakungu mu ntumbero yo kuronderera inyishu hamwe ku bijanye n’indero y’abana, inzara, kubura imfungurwa no gufungura nabi. Ibikorwa bitandukanye bikaba biriko birakorwa kugira uwo mugambi mushasha wishinze gufungurira abana ku mashure matomato ushobore gutangura vuba.

Mukamenya ko uwo mugambi wamaze gutangura mu ntara zitatu z’Uburundi nka Bujumbura Rural, Bubanza na Cibitoke.
Ku bafise impungenge y’uko uwo mugambi mushasha uzohava udashikwako, Bienvenu Djossa, umuyobozi wa PAM, yamenyesheje, hari uburyo bwategekanijwe kugira ivyo bishinze bishikweko.

Ku bibaza ko hari ico abana bazoterera canke ishure bazoba basanzwe bigako kugira baje muri uwo mugambi, umushikiranganji w’amashure matomato, Roza Gahiro yatanze umuco kurivyo, amenyesha ko abavyeyi b’abana bazogira ico baterereye kugira nabo bashigikire uwo mugambi, ivyo bazoterera navyo bakazobimenyeshwa uwo mugambi utanguye.Yarangije anahimiriza abavyeyi kurungika abana bato ku mashure kuko ariyo ntango y’iterambere mu gihugu.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.