IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umugambi wa INSS wo guha umutahe AMANDA DRINKS wabaye urahagarikwa

Umugambi wa INSS wo guha umutahe AMANDA DRINKS wabaye urahagarikwa

mardi 15 Gitugutu 2013

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yafashe ingingo yo kubwiriza amashirahamwe abiri INSS na SOCABU ko yoba arabangiriye gutanga umutahe ungana n’imiliyaridi zitanu kw’ishirahamwe AMANDA DRINKS ry’i Bubanza rihingura imitobe.

Ku munsi wa gatanu w’indwi twaraye turangije, inama nyobozi y’ishirahamwe INSS (Institut National de Sécurité Sociale) yaremeje umugambi wo gutanga umutahe kw’ishirahamwe AMANDA DRINKS. Iyo ngingo y’umuyobozi mukuru w’ishirahamwe INSS yafashwe abaserukira abakozi n’abakoresha ba INSS batarimwo. Ababaserukira bane bari bikuye muri iyo nama, hasigara abari baserukiye Leta, baca baremeza uwo mugambi wo gutanga uwo mutahe w’imiliyaridi 5,6 z’amafaranga y’amarundi.

JPEG - 57.3 ko
Léonidas Hatungimana, umuvugizi w’umukuru w’igihugu

Inyuma y’aho abatari bake bashikirije amakenga ko INSS ishobora kuhahombera muri uwo mugambi utajanye n’ibikorwa vy’aryo kandi utemejwe na bose, umukuru w’igihugu yafashe ingingo yo kuba arabwiriza iryo shirahamwe ko ryohagarika uwo mugambi mu kurindirira iyindi ngingo ntabanduka izofatwa. Léonidas Hatungimana umuvugizi w’umukuru w’igihugu yamenyesheje muri iyo ngingo y’umukuru w’igihugu, umushikiranganji w’intwaro ibereye yahawe indwi zibiri kugira abe yakoze amatohoza ku bijanye n’uwo mugambi, ashikirize umukuru w’igihugu icegeranyo azoshobora gukorerako mu ngingo ntabanduka izofatwa kuri uwo mugambi.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.