Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe MSD ntutangazwa n’ingingo wafatiwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe MSD ntutangazwa n’ingingo wafatiwe

Umugambwe MSD ntutangazwa n’ingingo wafatiwe

dimanche 16 Ntwarante 2014

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe MSD, akaba n’umuvugizi, umushingwamanza François Nyamoya amenyesha ko batatangajwe n’ingingo umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana aheruka gufatira umugambwe MSD. Kubwiwe, umugambwe wari wahagaritswe kuva kera kuko utigera wemererwa gukoranya abanywanyi bawo. François Nyamoya asaba abanywanyi ba MSD kwubahiriza iyo ngingo kugira ubutegetsi ntiburonke icitwazo.

Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu aheruka gufata ingingo yo guhagarika ibikorwa vy’umugambwe MSD mu kiringo c’amezi ane. Yagirije uwo mugambwe ivyaha bitatu : imigumuko n’ikiroberi (Soulevement et rébellion), guhungabanya umutekano w’igihugu (atteinte à la sécurité publique), hamwe n’ugutunga ibirwanisho mu ngoro y’umugambwe MSD (percusition d’armes au siege du MSD). Umushingwamanza François Nyamoya, asanzwe ari nawe avugira umugambwe MSD amenyesha ko iyo ngingo igaragaza akarenganyo gakorwa n’umushikiranganji Edouard Nduwimana yirengagiza Imbonerakure za CNDD FDD zica abantu mu gihugu, zikabuza ibikorwa vy’iyindi migambwe, zikaba mbere zigeze ku gukubagura abajejwe umutekano nabo, ariko Edouard Nduwimana ntazikomakome.

JPEG - 53.1 ko
Umunyamabanga mukuru w’umugambwe MSD, umushingwamanza François Nyamoya

Nk’uko bimenyeshwa n’umushingwamanza François Nyamoya, iyo ngingo ntaco ije guhindura kuko n’ubundi ibikorwa vy’umugambwe MSD vyahora biburabuzwa ukuri kwamye. Ahubwo rero, kakaba kagiye kuba akaryo ko kubandanya batunganya imigambi yabo, kuko imitwe n’ivyiyumviro vy’aba MSD bitahagaritswe. N’aho biri uko, umushingwamanza François Nyamoya, umuvugizi w’umugambwe MSD ahamagarira abatwara umugambwe MSD ku rwego rw’intara zose z’igihugu ko bokwubahiriza iyo ngingo y’umushikirangaji Edouard Nduwimana, kugira ntazoce aronka ibindi vyitwazo, hama abafatire izindi ngingo zikomeye kurusha iyo.

Mu ngingo y’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana, umugambwe wafatiwe ibihano vyo kumara amezi ane yose ata bikorwa vy’umugambwe uranguye. Ingoro z’uwo mugambwe zose ku rwego rw’igihugu ntizirekuriwe kwugurura muri ico kiringo.


Egide Nduwimana

Messages

  • Amezi ane ni make nimwihangane mwubahirizeiyongingo gusa cndd fdd iraraba nezako nduwimana atagomba kuzoba mumanga.

  • amezi ane ntaco avuze bado tupoo

  • Ahubwo uyo mugabo nyamoya arantangaje gose,nciye nibuka kwariwe ORICOM kwariwe yikozeko ngwa yiburanire murubanza ngo yitwariye umukuru w,IGIHUGU,kumbe bwabundi uyo munyamabanga wa MSD yakabaye afise intumbero imwe na RUFYIRI yo kuducafuriza umu PRESIDANT wacu,wewe nyamaya na Rufyiri nobasaba guhindura iyo ngendo yanyu igayitse,biribonekeje ko iwababayeko le8 ko bifitaniye isano nivyo oricom yatumye uyo mugabo ngo kuburanya president ariko murihenda twarabahinyuye.ntantambwe muzoduterana nimwe,

  • Guhagarikwa amizi ane nibisanzwe nimba niyahera azoca arika umugambw ugakora ukuri kwamye!atari kurya vyahora!bihangane bakore uko bahora nakare baburagizwa mugbo bagakora inzo ngoro babe barets kuzikoreramwo,

  • Mbega nkuyu avuga ngobabacafuriza umu President wabo arazi ivyo avuga!
    muga Mayina Rindira gato burya abitwaza ngo hari MSD itunze ibigwanisho mungoro yabo Bibaza ko iyo MSD ari ibijuju kuburyo naho boba babifise bobizana kuvyanikira harya baziko mubarondera?
    turazi ko ari Montage rindira gato Akataraza karimunyuma!
    Nka Jack Bigirashetani yubahutse kuvuga ngo arakeje Police ihejeje kumija amasasu mubanyagihugu atabigwanisho bafise uyo ngo niwe mu Candidat a la Presidence?
    ewe Burundi uri bubone!
    ariko nshaka ndababwire ko ninterahamwe zawakije uyumunsi ziri mumashamba ya Congo izitishwe na Ebola!
    Abandi nabo baciribwa imanza kumunsi kumunsi namwe rindira gato!
    One day is one day!!
    Ikibabaje ni Buyoya Ntazi ico yibaza igihe yaha Igihugu izombonera Kunda atana Zone Zifise!!

  • HEWE GIGI IVYO NIVYIFUZO BIGAYITSE BIKURIMWO,ICO WOMENYA NABO BANDI MUSANGIYE IVYO VYIYUNVIRO VYUMUNUKO,NUKO ATAMUHUTU AZOSUBIRA KWINJIZWA MWISHAMBA NAMWEBWE,EMWE MWISHAMBA ABAHUTU TWARAHACISHIJWE TURAHAMENYA NEZA UKO HAMEZE,MUGABO GUSUBIZWAYO NKUKO MUVYIFUZA NOKUMENYESHA KWARINDOTO ZIWANYU,RUVYONGE MWIBONEREKO,NTAWUFISE INDA IKOROKA,IYO MUBA ABANDI MWARI KUREKA KUJANA NYABAHURURU,ICONZI CO N,IMANA NTIBASHIGIKIYE MWIYO MIGAMBI MIBI MWIFURIZA ABANA BAYO,NIGIHUGU CABIBARUTSE.EMWE MUREREGWA.!!??.

  • Umu president wanyu niwe yicafuse reka kubeshera abandi....

  • UMUHINGA N UWOKWISEMGER IMANA NAYO POLITIQUE NTAHAND ITUJANA ATARI MURUPFU. IBAZ UMUNTU MWANKANA ATAN AKARIMBI MUSANGIYE. MBEGA NK UMUPASITORI CANK UYO AKINA POLITIK ARENGA YOHURA N UYO BADASANGIY IVYIYUMVIRO BOGUMBIRANA NK ABAVUKANA MURI YESU?WAPI!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.