Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe MSD urarajwe ishinga n’ubutunzi bw’igihugu buguma busubira (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe MSD urarajwe ishinga n’ubutunzi bw’igihugu buguma busubira (...)

Umugambwe MSD urarajwe ishinga n’ubutunzi bw’igihugu buguma busubira inyuma

jeudi 15 Myandagaro 2013

Mu kiganiro umukuru w’umugambwe MSD (Mouvement pour la Solidarité et la Démocratie) yatunganije ku munsi w’ejo kuwa gatatu ku banditsi n’abamenyeshamakuru, Alexis Sinduhije yagarutse ku bukene buhanze igihugu, Leta n’abanyagihugu muri rusangi.

Alexis Sinduhije, umukuru w’umugambwe MSD yamenyesheje ko ubukene bwiyongereye cane ku buryo icigwa c’ibanki ya Afrika y’iterambere gishira Uburundi mu kibanza ca nyuma mu bihugu 144 vyakozweko ivyigwa.

Alexis Sinduhije amenyesha ko ivyo vyose biva ku kubura integuro y’imigambi mishasha y’iterambere kandi bikava no kukudashaka kw’ubutegetsi mu gutuza akarwi k’abantu bigungirako kandi batunganya nabi ubutunzi bw’igihugu.

Umukuru w’umugambwe MSD asaba abategetsi gukoresha neza amafaranga aba agenewe iterambere ry’abanyagihugu bo bene gihugu, abanyagihugu nabo babwirize abatwara gukoresha amafaranga y’igihugu ico aba yagenewe.

Ku ntumbero y’umugambwe MSD mu matora yo mu mwaka w’2015, Alexis Sinduhije yamenyesheje ko bazokwitaba ayo matora ariko ataramenya neza namba ariwe azoseruka mu kibanza c’umukuru w’igihugu kuko bizova mu runani ADC-Ikibiri basanzwe bahurikiyemwo.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.