Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe RADDES wasavye CENI kwikosora - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Umugambwe RADDES wasavye CENI kwikosora

Umugambwe RADDES wasavye CENI kwikosora

lundi 3 Munyonyo 2014

Umugambwe RADDES uragabisha ubutegetsi bubandanya gukoresha n’ukubangamira ubwigenge bw’umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora (CENI). Mw’itangazo basohoye, mu mugambwe RADDES batangazwa n’ukubona ibice bigera kuri 70 kw’ijana vy’abagize imirwi itegura amatora mu ntara no muma komine bigizwe n’abakomoka mu mugambwe uri ku butegetsi.

Mw’itangazo ry’umugambwe RADDES, bamenyesha ko iyindi migambwe yakumiriwe mw’ishirwaho ry’imirwi itegura amatora mu ntara no muma komine, ivyo navyo bigatuma iyo migambwe itazoshobora kugukurikirana amatora ategekanijwe mu mwaka w’2015. Muri uwo mugambwe bashikiriza amakenga bafise kuri iyo ngendo isa n’iyije kworohereza ubusuma bw’amatora, nk’uko vyibonekeje mu mwaka w’2010, bakibutsa ko amatora meza ashoboka bivuye ku murwi wigenga uba wayateguye.

Reta y’uburundi yasabwe kwubahirizwa umutekano w’abanyagihugu, kuko nk’uko bivugwa muri iryo tangazo ry’umugambwe RADDES, amatora meza ntashoboka hacibonekeza imirwi y’abitwaje ibirwanisho isahura ikongera ikica abanyagihugu basanzwe batekewe n’ubwoba. Umugambwe RADDES uhamagarira abarongoye umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora ko bokwikubita agashi, bakosore utunenge twose twibonekeje mw’ishirwaho ry’imirwi ijejwe gutegura amatora mu ntara no muma komine, bashiremwo abaserukira imigambwe yose n’amako yose. Uwo mugambwe wibutsa ko uri mubateye umukono ku masezerano y’amahoro y’i Arusha, kandi ko ubandanya ukurikirana ishirwa mu ngiro ry’ivyo abarundi basezeranye, ugasaba abakuru b’imigambwe yose itavuga rumwe n’ubutegetsi ko boja hamwe, bagashira imbere umutima y’ugukunda igihugu. Nk’uko tubikura muri iryo tangazo umugambwe RADDES washize ahabona kuri uwu wa mbere, iyo migambwe yoja hamwe igashikiriza uwuyiserukira umwe mu matora yo mu 2015, nta nkeka ko ivyiyumviro vy’iyo migambwe vyotsinda, intwaro rusangi igakomera mu Burundi.

Abatwara Uburundi nabo basabwe ko batogira ikosa nk’irwakozwe n’ubutegetsi bwa Burkina Fasso batashatse kwumviriza ivyiyumviro vy’abanyagihugu. Muri iryo tangazo bati : "Bashobora kutazoronka amahirwe yo guhabwa ubuhungiro mu bihugu bibanyi, ahubwo basange bari imbere y’intahe muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha i La Haye."


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.