Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugera wa SIDA urabangamiye urwaruka rwo muri Afrika yo Hagati - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umugera wa SIDA urabangamiye urwaruka rwo muri Afrika yo Hagati

Umugera wa SIDA urabangamiye urwaruka rwo muri Afrika yo Hagati

jeudi 19 Kigarama 2013

Urwaruka rwo muri Afrika yo hagati (Communauté Economique et Monétaire des Etats de l’Afrique centrale) CEMAC barakoraniye ku murwa mukuru wa Tchad mu ntumbero yo kurabira hamwe ingorane urwaruka rukunda guhura narwo, mu vyerekeye irondoka rijanye n’amagara meza hamwe n’inyigisho kuvyerekeye igitsina, kugira bashireho imigambi yotuma umugera wa Sida urwanywa kurushiriza.

Iryo huriro rigize indwi ry’urwo rwaruka rizotuma abitavye iyo nama bongereza ubumenyi no kumenya inyifato umuntu yogira mu kwirinda ikiza ruhonyanganda Sida, gusubira kubakangurira kuwirinda hamwe no kurwiza abafasha. Afrika yo hagati ni akarere kamwe muri Afrika gasibijwe n’umugera nk’uko bivugwa n’ikigo mpuzamakungu kirwanya umugera wa Sida ONUSIDA.

Ivyo rero bikava na cane cane ivy’imibano n’ubutunzi hamwe ni imyaka, kuko abana bari hagati y’imyaka 15 na 24 nibo bageramiwe n’ico kiza. Kubera iyo mvo, ibihugu bihurikiye muri CEMAC, bibifashijwemwo na Reta y’ubudagi, barashizeho umugambi wo gukinga umugera wa Sida mu karere k’Afrika yo Hagati .

Mwomenya ko iyo nama izorangira ku munsi w’Imana, ikazosozerwa n’igiteramo c’imicokama (soiree culturelle).


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.