Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugore wa mbere kw’isi afise iminwa minini - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umugore wa mbere kw’isi afise iminwa minini

Umugore wa mbere kw’isi afise iminwa minini

vendredi 6 Nyakanga 2013

Kuva akiri muto yamye akekezwa n’abana bagenziwe ku minwa yiwe minini. Uwo nawe akaba ari uwitwa Kristina Rei. Uwo mukobwa akaba akomoka mu gihugu c’Uburusiya. Afise iminwa minini, ndetse akaba ariwe kugeza ubu afatwa nkuwufise iminwa minini kw’isi yose.

JPEG - 16.3 ko
Kristina Rei

Kristina Rei ni umurusiyakazi w’imyaka 22. Afise iminwa minini cane, kugeza ubu akaba ariwe afise ikibanza ca mbere kw’isi dufatiye ku bunini bw’iminwa yiwe. Kuva akiri muto yagumye akekezwa n’abana bigana kubera ubunini bw’iminwa yiwe. Muriyo myaka 22 amaze, Kristina Rei amaze kwibagisha umunwa incuro zirenga 100. Yatanguye kwibagisha afise imyaka 17. Ivyo bikaba bimaze kumutwara amafaranga 6 000 vy’ama dorare y’abanyamerika.

Akaba yibagishije ngo arabe ko yosa na Roger Rabbit, igicapo gikinishwa ku mboneshakure mu mareresi bita mu gifaransa « Dessin animé ». Kristine Rei yibutse izo ncuro amaze kw’ibagisha umunwa agira ati : « Vyarambabaje cane gose ». Inyuma rero yuko kwibagisha, ngo aratanguye kuza aratwenga kubera umunwa wiwe wabaye muto. Rei ati : « Ivyavuye muri ukwo kwibagisha birampimbara cane»

JPEG - 8.3 ko
Kristina Rei hamwe na Roger Rabbit

Naho abivuga ko ahimbawe nuko iminwa yiwe imeze inyuma yukwo kwibagisha, umwe wese abona aya masanamu akurikira niwe yogira ico avuze. Aya masanamu akaba nayo mu kiganiro c’imboneshakure yo mu Burusiya. Ikiganiro gikunze kwerekana ibintu bitangaje.


INGABIRE Luc-Noël

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.