IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Umuhero wari witezwe n’abayoboke ba Zebiya Ngendakumana ntiwabaye kuri uyu (...)

Umuhero wari witezwe n’abayoboke ba Zebiya Ngendakumana ntiwabaye kuri uyu wa gatatu

jeudi 13 Kigarama 2012

Kuva ku musi wa mbere haravuzwe rwose ibijanye n’umuhero ngo wategerezwa kuba kuri uyu wa gatatu italike 12 Kigarama 2012. Uwo muhero wavugwa n’abayoboke b’uwitwa Zebiya Ngendakumana, umwigeme w’imyaka 26 asengeshereza i Businde muri komine Gahombo intara ya Kayanza.

Abo bayoboke biwe bakwiragiye mu gihugu cose bari bahanye isango y’uguhurira i Businde muri komine Ghombo Intara ya Kayanza kuko ku bwabo ngo itariki ya 12 kigarama umwaka w’i 2012 igihe c’isaha zitandatu n’iminuta cumi n’ibiri niho umuhero wategerezwa gushika. Nk’uko bamwe bavyiyemerera ngo ico gihe niho vyari bitegekanijwe ko Zebiya yerekwa akabonekerwa na Bikira Mariya maze abari kuba bahari bagaca badugana nawe. Ku bwabo ngo uwutari kuba ari muri ico kibanza Ubwami bw’Ijuru vyari kuba biciye kubiri.

Kuva kuri uyu wa kabiri ariko ntiboroherejwe na gato n’abajejwe intwaro hamwe n’igipolisi kuko babataye muri yompi babajana kubafungira aho muri komine ya Gahombo nyene. Abafashwe barenga amajana inndwi na mirongo itanu(750). Muribo harimwo umupatiri n’umushingwamanza(avocat) bakaba bobo baciye bajanwa gufungirwa mw’ibohero rikuru ryo mu ntara ya Ngozi.

Mu ntureka zabaye ku wa kabiri w’iyi ndwi umuntu umwe yarahasize ubuzima arashwe uwundi nawe rakomeretswa n’urusasu ku kuguru.
Kuri uyu wa gatatu , umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana yarishikiye aho i Businde akaba yamenyesheje ko ribaye irya nyuma aho hantu habera amasengesho kandi ko ikibazo cerekeye uwo mwigeme Zebiya kigiye kwigirwa muri Reta.

Haraciye umwaka n’igice urenga aho hantu i Businde hamenyekanye cane nk’ikibanza c’amasengesho kikaba gisengerwamwo n’amasinzi y’abantu bava mu bihugu bigera kuri cumi n’indwi vya Afirika. Abajayo bagakunda kuhaja cane cane ku magenekerezo ya 12 na 13 buri kwezi aho bavuga ko Zebiya Ngendakumana yerekwa amabanga na Bikira Mariya. Bamwe mu bantu bahasengera banyeshure barahevye amashure, abakora ubuzi twa Reta n’ubwabikorera utwabo barabuhevye.

Ariko Zebiya ararahira akarengwa ko ata muntu n’umwe yigisha kugumuka canke guheba amashure. Yigeze gushikiriza kuri radiyo imwe ikortera i Bujumbura yitwa Bonesha Fm ko adashobora kubwira abantu guheba amashure canke ubuzi. Yagize ati : « Jewe mfise abana ndeze mw’irerero kandi narabashize mw’ishure , none mwumva noheza nkabuza abandi kwiga gute ? ». Mu misi iheze Diyoseze Katolika ya Ngozi yarafashe ingingo y’ukubuza amasengesho yose abera i businde kwa Zebiya Ngendakumana . N’ubuyobozi bw’intara ya Kayanza bwaraahagaritse burundu ayo masengesho.

Mu nyuma, abayoboke biwe ntibahesheje namba barabandanije n’umwete ariko Zebiya wewe yarahesheje gato aja i Bujumbura aho yavuga ko ariko arivuza. Muri iyi minsi ibikoresho vyinshi nk’umusaraba muremure upima imetero cumi hamwe n’amasanamu atari make n’ibindi bitari bike vyarafashwe n’igipolisi kibivana aho i Businde mbere abapolisi bakaba baciye bahaguma.

Uwo mwigeme avuga ko yatanguye kubonekerwan’umumarayikaw’Imana agifise imyaka itanu, agasubira kwiyerekwa na Bikira Mariya ku myaka icenda hamwe na Yezu ku myaka cumi n’ibiri ari naho yaciye amuhera ijambo ry’ubutumwa nk’ukwavyiyemerera.
Aheruka kwandikira bulamatari w’intara ya Kayanza n’umwungere wa Diyoseze ya Ngozi. Mw’iabaruwa yanditse abasaba ko bomureka akabandanya asengesha kuko ngo nta mutekano amasengesho agirisha yigeze ahungabanya. Yongerako avuga ko ivyariko arabona bisa nk’ihamwa kandi ko bitamutangaza. Ngo igihe yahabwa ubwo butumwa yari yabwiwe ko azohura n’ingorane n’intambamyi zitari nke.

Mu ntara zindi z’igihugu c’Uburundi nka Bubanza naho nyene abayoboke ba Zebiya baramaze imisi bafatwa n’ibibanza basengeramwo bigacungerwa n’abapolisi kugira ntihagire uwuhahonyoza ikirenge. Umwe muribo n’umunyeshure wo mu mashure yisumbuye, mu gipolisi bemeza ko agiye kurekurwa ngw’akore ibibazo ariko ngo azobandanya yitaba mu gipolisi kugira abazwe kuko ariwe arongoye abayoboke ba Zebiya i Bubanza.

Zebiya NGENDAKUMANA afise imyaka mirongo ibiri n’itandatu(26) akaba yemeza ko yatanguye kubonekerwa afise imyaka itarenga ine. Mu misi iheze yaheruka kwubaka irerero ry’impfuvyi n’abana ba ntaho nikora ritari rito kandi ritey e igomwe.


kw’ifoto
:Zebiye Ngendakumana


Eloge Willy Kaneza

Messages

  • Ndabaramukije bantu b’’Imana. Nashaka kubanza gushimira uwo muphasoni Zebiya akoranya abantu ababwira akamaro kumuvyeyi Bikira Mariya amubonekera. Nibazeko atari ukubonekerwa gusa , ara ugusaba Bikira-Maria abasabire ku Mana ibatahuze ijambo ryayo kugira bahinduke ,mumitima yabo ,hama Imana ibarungikire mutima mweranda abarinde ibicumuro. Mwese mwibuke ko ari Imana yonyene nsa idufiseko ububasha , bwoguhindura ubuzima bwacu . Niyo yatunye Bikira-Mariya yibaruka Yezu. sukuvugako Bikira-Mariya aca nawe abonekera abantu . Yabonekewe mubandi . Sindababujije gukurikira amasengesho ya Zebiya ,kuko umwe wese arafise inzira acamwo kugira ahige Imana, komeza wicishe bugufi mwunvirize uwuzanye ijambo ry’’Imana wese hama izoheza ibatahuze igihe canyu kigeze.

    IBIJANYE NIHINDUKA RY’AVUZWE MUKUGIRA IMANA IDUSUBIZE MURI PARADIZO
    INTANGAMARARA

    Bana b’Imana , ntimufate uko ibintu bitari kubera mwunvise ngo vyanditswe muri Bibiliya,Amadini arakunda kwitwaza Bibiliya iyo ariko aravuka . Nico gituma mwohagabira kuko twese duhiga kumenya ingene twomenya , twoshobora kubona Imana ,gushika mubwami bwayo , duhiga ingene twosaba ikigorwe Imana ikadusubiza muri Paradizo. Nico gituma nobakebura mugatangura gusoma Bibiliya muhereye kuntango naho woba warayihejeje kuyisoma, hama wicishe bugufi , usabe Imana gutahura ivyahishijwe muri iyo Bibiliya , ikurungikire mutima mweranda kugira akurinde ntusubire inyuma mukwemera kwawe. Tega amatwi uwo wese aje afise ico avuga ku Mana ,nturindire gusa ngo Padili , Pastor , Sheh , Temoin de Jehovan nibo bashobora kuzana ubutumwa bw’’Imana gusa. Kuko Imana nuko ivugisha ivyo yaremye ,ntuze uyitege ukundi, kuko ubwami bwayo ntibuza,hamwe ushobora kuvuga ngo buteye hariya canke ngaha.Umaze gutegura umutima wawe mutima mweranda arakugendera ,ukabona gutahurirwa kubibazo vyose warufise kuri Bibiliya. Noshimako twoguma twigishanya ,umwe wese ivyo amaze guhishurirwa . Uwuvyifuza yokwandika kuri facebook ,kuwufise guhindura ibi vyanditswe mururimi rw’Ikirundi muzindi ndimi ,arashobora kubikora ,message yacu igashikira nabatumva Ikirundi naho Imana ifise abo yahaye ubwo butumwa bamwe bamwe mubihugu vyose.Ntimwibagireko dutegerezwa guhinduka mumitima yacu mukugira tuze dutahure ivy’’Imana yari yaraduteguriye igihe yaturema.

    Ndakeneye intererano y’’ivyiyumviro vyanyu imbere yo kubandanya kuvuga , ibikenewe kugira duhinduke. Abemera baciye mumadini, amatagira amadini ,baratumiwe . Intererano zabo zirakenewe. Bibiliya.Mais aha urakeneye kumenya ico Yezu yaje gukora aha kwisi neza .Mumajambo make, Yezu ntaco yaje guhindura kuvyo Imana yari yaduteguriye ikiturema ,kandi ntiyaje guhindura imitima yabadashaka ,kandi nkuko yongeyeko ,ntiyazanye amahoro kw’isi , yazanye inkota (ijambo ryiwe) rizotuma imiryango icanamwo,aho abo munzu bacanamwo ,umugore agacanamwo,numugabo wiwe , agacanamwo n’’umukobwa wiwe,se agacanamwo n’’umuhungu wiwe. Aha sinzi ko wumva ico yashatse kuvuga ?

    Imana iradukunda nico gituma iguma igerageza ingene twotahura, tugahinduka , tugasaba ikigorwe ,ikadusubiza muri Pardizo. Nico gituma imaze kuduhana c.a.d guhana abo dukomokako Adam

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.