Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuhora Facebook warungutse ku rugero rwo hejuru - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Internet > Umuhora Facebook warungutse ku rugero rwo hejuru

Umuhora Facebook warungutse ku rugero rwo hejuru

dimanche 28 Ndamukiza 2013

Umuyobozi mukuru wa Facebook, Mark Zuckerberg, yahawe agahembo k’imiliyoni hafi zibiri z’amadolare ko mu mwaka w’2012. Akarusho kabaye ak’ibice 16 kw’ijana ugereranije nayo yaronse mu mwaka w’2011. Bivurwa kandi ko yakoresheje imiliyaridi zirenga gato zibiri mu kugura no kugurisha imitahe.

Ayo mafaranga ahanini agizwe n’uturusho tw’ingendo yakoze mu ndege ku ruhara rwiwe ariko yarihirwa n’ishirahamwe ryiwe Facebook kugira bubahirize umutekano wiwe, nk’uko bivugwa mu rwandiko rwashizwe ahabona kuri uyu wa gatanu, ku rubuga ngurukanabumenyi.

Umushahara w’uwo muyobozi mukuru wa Facebook, Mark Zuckerberg wagera ku bihumbi 503.205 vy’amadolare mu mwaka uheze. Bitegekanijwe ko azokwongerwa muri uyu mwaka akagera ku rugero rw’abayobozi b’iyindi mihora ngurukanabumenyi iteye imbere kw’isi nka Google iyoborwa na Larry Page.

Mu ntumbero yo kuriha amakori, Mark Zuckerberg yadandaje imitahe ku miliyoni 60 z’amadolare mu kwezi kwa Rusama umwaka uheze.
Icegera ciwe ajejwe ubuhinga, Sheryl Sandberg, yaronse imiliyoni 26,2 z’umwaka w’2012, inyuma y’izigera kuri 31 yahawe mu mwaka w’2011.

Umuhora Facebook warungutse mu mwaka uheze ku rugero rw’ibice 37 kw’ijana, inyungu ifarurwa ku miliyoni 53 z’amadolare.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.