Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nzokira Jeff yahoze akinira Vital’O arabica bigacika muri Djibouti - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Nzokira Jeff yahoze akinira Vital’O arabica bigacika muri Djibouti

Nzokira Jeff yahoze akinira Vital’O arabica bigacika muri Djibouti

mardi 11 Ntwarante 2014

Umukinyi w’umupira w’amaguru Nzokira Jeff aravyifatamwo neza mu gihugu ca Djibouti. Kuva ashika muri ico gihugu amaze gutwara ibikombe 2 mu myaka 3 amazeyo. Nzokira arashobora no gutwara ikindi gikombe kuko ariko yifata neza cane mu mahiganwa barimwo.

Umukinyi w’umunyezamu Nzokira Jeff iyo ari mu murwi wa A.S.A.S Djibouti Telecom atumenyesha ko afise amahirwe menshi muri uwo murwi. Mu nkino ziriko zibera muri ico gihugu "Championnat National" zatanguye kuva kw’igenekerezo rya 11 Gitugutu 2013, uwo murundi amaze gukina inkino 18, muri izo nkino amaze kwinjizwa ibitsindo 4 bitarenga. Umurwi arimwo wa A.S.A.S Djibouti Telecom ni wo uri kw’isonga aho usumvya umurwi wa kabiri amanota cumi yose, kandi ihiganwa rikibandanya. Ayo mahiganwa azorangira kw’igenekerezo rya 4 Ndamukiza 2014, Jeff akaba yizeye cane ko itsinzi izotaha mu murwi akinamwo, kuko vyamaze gusa n’ivyaheze.

JPEG - 103.3 ko
Jeff yambaye "maillot"yakatsi kabisi

Kuva ashitse mu murwi A.S.A.S Djibouti Telecom, kw’igenekerezo rya 26 Nyakanga 2011, akaja mu biganza vy’umumenyereza Harbi, amaze kuronka ibikombe 2, imyaka y’2012 na 2013, n’ubu afise amahirwe menshi yo kuronka ico gikombe c’uwu mwaka.

Tumubajije ko hamwe umurwi nserukiragihugu w’Uburundi womukenera ko yokwitaba, Nzokira Jeff amenyesha ko Uburundi ari igihugu ciwe ko aho comukenerera hose yoca anyanyasa gufasha. Tubamenyeshe kandi ko atazokina mu rukino rw’abakiri bato "Junior", kuko akina mu bakuze "senior". Urwo rukino ruzohuza umurwi wa Djibouti n’Intamba mu Rugamba, hazoba ari kw’igenekerezo rya 6 Ndamukiza 2014.

Uwo yahoze ari umunyezamu w’umurwi Vital’O FC, akaba avuka mu gisagara ca Bujumbura muri Komine Buyenzi.

JPEG - 87.4 ko
Jeff yambaye "maillot"y’umuhondo

Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.