Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukinyi wa mbere n’umurwi wa mbere muri Primus League baratowe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umukinyi wa mbere n’umurwi wa mbere muri Primus League baratowe

Umukinyi wa mbere n’umurwi wa mbere muri Primus League baratowe

samedi 2 Myandagaro 2014

Inyuma yaho ihiganwa rya Primus League rirangiriye igikombe kigatahukanwa n’umurwi wa Flambeau de l’Est, abamenyeshamakuru b’inkino bagiye hamwe batora umukinyi wa mbere w’umwaka w’i 2013 ushira w’i 2014. Umukinyi Claude Ndarusanze niwe yatahukanye iryo kanga. Haratowe umukinyi yinjije vyinshi, n’umurwi yigejenje neza.

Bose hamwe bari abamenyeshamakuru b’inkino 17 bava mu binyamakuru n’insamirizi zitandukanye bari bakoranijwe no gutora umukinyi yoharirwa umwaka w’inkino w’i 2013 ushira w’i 2014. Mu nteguro y’amatora, umumenyeshamakuru wese yatanga amazina y’abakinyi 3 ahareye kuwo aha amahigwe menshi, hari kugira hatorwemwo abakinyi ba 5 baca batorwamwo uwa mbere. Abatowe ni aba bakwirikira: Enock NSABUMUKAMA wo muri Messager Ngozi, HUSSEIN Shabani akina muri Flambeau de l’Est, RUGONUMUGABO Stéphane akina muri Lydia Ludic Burundi, Claude NDARUSANZE de Lydia Ludic Burundi na Fabrice NININAHAZWE batazira MESSI akina muri Lydia Ludic Burundi.

5) NININAHAZWE Fabrice: 0,

4) RUGONUMUGABO Stephane: 0,

3) Hussein Shabani: 3,

2) Nsabumukama Enock: 5

1) Ndarusanze: 9

Mwomenyako umukinyi wo muri Inter Star ari we yinjije ibitsindo vyinsi, uwo si uwundi ni Deo Ndayishimiye afise ibitsindo 15, akwirikirwa na Hussein Shabani afise ibitsindo 14. Ikindi n’agashimwe k’umurwi wigenjeje neza kahawe umurwi wa Flambeau de l’Est, uwo murwi waronse amakarata y’umuhondo 25, nta karata itukura bigeze bahabwa.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.