Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Umukristu w’ukuri atangira ikigongwe ubuntu" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Abakristo > "Umukristu w’ukuri atangira ikigongwe ubuntu"

"Umukristu w’ukuri atangira ikigongwe ubuntu"

mardi 12 Munyonyo 2013

Umurwi w’abakristu bahurikiye mu madini atandukanye, imigambwe itandukanye eka n’ibihugu bitandukanye, bazindutse basangira ijambo ry’Imana n’inzego nkuru zirongoye Uburundi, mu gusabikanya ijambo ry’Imana dusanga muri Matayo igice ca 18 kuva ku karongo ka 21 gushika ku ka 35.

Adriyano Sibomana yahoze ari umushikiranganji wa mbere imbere yo mu mwaka w’1993, ahejeje kwerekana abafashije gutegura igisabisho, akaba yavuze ko ico gisabisho atari ubwa mbere kibaye kandi ko catanguye kera mu Burundi, kuva mu myaka y’1980. Akaba rero yasiguye ko uyo murwi utari mu yifise intumbero za politike, kuko uhurikiyemwo bose. Ijambo rikomeye ry’Imana rikaba ryashikirijwe na Simon Guillebau aho yashimikiye kuguhariranira. Uyo mukozi w’Imana ati ikigongwe gitangirwa ubuntu, kandi umukristu nyawe ariyorosha mu kugitanga, eka kandi ikigongwe gikwiye kuronka uwariwe wese, ubwanyuma akaba yavuze ko ikigongwe kigaragaza ukuri kuri mu muntu. Ivyo rero uyo mukozi w’Imana akaba abivuga mu gihe Uburundi buri mu nzira zo kumenya ukuri no kurekuriranira. Simon Guillebau akaba avuga ko abantu boreka kwihorana, kuko ataho bishikana umwana w’Imana atari kubajana mu gihano c’urupfu. Ati intibagira ntibana.

Mw’ijambo nyamukuru ryashikirijwe n’umukuru w’igihugu, akaba yashimiye cane umurwi w’abakristu wabakoranirije hamwe. Umukuru w’igihugu yisunze inkuru nziza yanditswe na Yesaya ikigabane ca 52 kuva ku murongo w’7, yahaye ikaze abatumire ndetse abasaba kugubwa neza umwe wese mu kibanza c’iteka avyagiyemwo. Ku bw’umukuru w’igihugu rero ikigongwe n’inzira nziza ishikana umukristu wese ku Mana.

Abafashije abaraho bose mu majambo y’Imana yaba umupfasoni Momamo Karerwa asanzwe ari icegera ca mbere c’umukuru w’imana nshingamateka canke Sabina Sabimbona, bakaba bahereje Uburundi mu maboko y’Imana ndetse babusabira n’umugisha, bashima aho igihugu kigeze muri kino gihe. Umwungere wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura Evariste Ngoyagoye nawe nyene yari muri ico gisabisho, akaba yasabiye Uburundi mu gisabisho ciwe c’ugusozera, kugira ikigongwe c’Imana gishikire bose, abacanyemwo basubirane, maze umuvukano usasagare mu gihugu cose.

Tukaba twobamenyesha ko ico gisabisho cari citabwe n’abanyacubahiro batandukanye harimwo abarongoye inama nshingamateka na nkenguzamateka, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu n’icegera ca kabiri, Sylvestre Ntibantunganya yahowe arongoye Uburundi, Yves Sahinguvu yahowe ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, ivyegera vy’abarongoye inama nshingamateka na nkenguzamateka, bamwe mu bashikiranganji, bamwe mu barongoye imigambwe, uwurongoye BNUB mu Burundi, n’abandi bari bavuye mu bihugu vya Leta zunzubumwe z’Amerika, Ubudagi, Afrika y’Epfo, Ubuganda, Kenya, Ethiopiya.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ico nobabwira co nta munyepolitiki akora ivyo imana ishaka naho mwojahe? Erega nta muntu ashobora gukorera ba shebuja babiri ni bareke kutubesha mbe ubonye ibintu biri muburundi koko dutwagwa nabantu bazi imana , jewe mbona dutwagwa na ba sauli, ubukiritso nizina, imvugo n’inyifato tutibagiye urukundo ni vyo biranga umuntu azi imana, none wovuga muburundi ko hakiri urukundo ubonye ihorahorana riri migihugu cacu eka urukundo ruracari kure nkukwezi, nibaronderere aho baza barahurira kugira barye amahera y’igihugu, eka ntabanyepolitike bazosabira igihugu.

  • Abo baturongoye bafise imana(apana Imana)yabo: inda

  • IMAN’ISHIMWE JEWE NOVUGAKO ABO BITAVYE ICO GISABISHO IMANA IBONGERE IMIGISHA,MURAKOZE IMANA IBAHEZAGIRE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.