Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ntarota asokora mu matora - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ntarota asokora mu matora

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ntarota asokora mu matora

mercredi 29 Ndamukiza 2015

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ntarota asokora mu matora yimirije mu Burundi kuko amategeko aramurekurira kwitoza, nk’uko vyashikirijwe n’umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu, Willy Nyamitwe.

Inyuma y’iminsi ine abarundi bo mu gisagara ca Bujumbura ndetse nabo hagati mu gihugu batanguye imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, mu biro vy’umukuru w’igihugu bamenyesha ko Petero Nkurunziza atarota asokora mu matora, ko uwubona ko ishigwa imbere rya Petero Nkurunziza kugira azoserukire umugambwe CNDD-FDD, vyoba bihonyanze amategeko ko yokwitura inzego zibijejwe zikabatunganiriza.

Nk’uko bishikirizwa n’umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu, Willy Nyamitwe, ibi bihe Uburundi burimwo ni ibihe vya poritike, aho abari mu mugambwe MSD bariko bagwanya ivyiyumviro vyo mu mugambwe CNDD-FDD, ku bwiwe ikidasanzwe ni uko bariko babikora mu nzira y’imigumuko, isubiza igihugu mw’ihumbi. Aho mukamenya ko avuga ko ari urwaruka rwa MSD ruriko rugira imyiyerekano afatiye ku ma kartier iyo myiyerekano iriko iraberamwo, agatanga akarorero ka Musaga, Mutakura, Nyakabiga, Ngagara n’igice ca Cibitoke, ku bwiwe ayo ma kartier niyo agwiriyemwo abanywanyi b’umugambwe MSD.

Mu biro vy’umukuru w’igihugu bamenyesha ko ibiriko birononekara vyose muri iyo myiyerekano bizoja ku gatwe k’abahamagaye iyo myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza. Nayo kubimaze iminsi bivugwa ko hoba hari abagwanyi ba FDLR ku butaka bw’Uburundi, mu biro vy’umukuru w’igihugu bamenyesha ko abakwiragiza ayo makuru ari bamwe bita abansi b’Uburundi, kandi bakizera ko ubutungane buzobakurikirana kuko ata Nterahamwe ziriko zirakorana n’inzego z’umutekano.

Tubibutse ko haciye iminsi ine imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza itanguye mu gisagara ca Bujumbura ndetse no mu Ntara zimwe zimwe zo hagati mu gihugu. Aho hamaze gusiga ubuzima abagera kuri batanu abandi barakomereka ndetse n’abagera ku 200 bamaze guhagarikwa n’inzego z’umutekano. Abari muri iyo myiyerekano bakaba batanguye kwagiriza inzego z’igiporisi ko gikorana n’urwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD, n’Interahamwe aho mu ma kartier nka Musaga na Mutakura bemeza ko bamaze kubibonera, n’ugufata bamwe bamwe.


Alida S.

Messages

  • TWOSABA KO MU NKURU ZISHIKIRIZWA MWOVUGA AHO HANTU MUGIHUGU HAGATI BAGUMUTSE NK,ABO BO KU MUSAGA NA CIBITOKE NA NYAKABIGA TUHUMVE TUHAMENYE NTIHABEMWO GUSHIKUZA NKARYA MARPA BUGAYE KUKO ABARUNDI TUGUMA DUSOMA IVYO MURUNGIKA

  • Mr Nyamitwe sinzi ikintu yiriwe aragira mw’ishure guta umwanya.Yoshobora kuvuga amategeko arekura Nkurumbi kwitoza? Eh mama ngo yatowe rimwe n’abenegihugu! Amaze gutwara Uburundi imyaka ingahe? Ibiringo bingahe? Ikiringo kimwe kimara umwanya ungana gute? Gitangura gute? (ku ndahiro). Gihera gute? (ku yindi ndahiro). Yarahiye kangahe? (Kabiri). None amategeko amwongera imyaka yindi yanditse he? Mbega muri 2005 ko yashizweho n’abo twatoye, ntiyatwaye mu Burundi? Mu mugambwe CNDD-FDD harimwo abagabo (nk’uko biyita) bafise ijunja n’ijambo bashobora gutwara ubu Burundi ataho bahuriye n’uwo mukehabwenge yibuka gusa ko yavuye mw’ishamba akaba umukuru w’igihugu none asigaye avyitiranya no kunywa icayi. Bagumyabanga n’abakenyerera rugamba, murihaye ibara ryo ku mutemere umengo nta n’umwe afise akenge kiretse zirya ntwari zemanze izuba riva ko amategeko yarenzwe.

  • Mr Nyamitwe, Imana idutize ubuzima ndakwifurije kuramba ubone ko ivyo ushikiriza bitazoba n’ingene ivyerekeye Nkurunziza bizogenda. Uzoce unyandikira kuri iyi adresse nyene umpinyuza.

  • Nawe ko atarota asokora reka vyigumire uko duheze tuzoraba umugabo uwariwe.

  • emwe nyamitwe nimba yishinga kwunviriza ububandi bwawe bwobwo uramuhenda. ubu lero ngo ntazosokora rindira gato uwutazi umurundi aramubwigwa ahubwo babe baragutekeza na wewe.

  • Kuvyukuri ivyo uvuze nivyo kuciyuviro cawe ariko jewe ntameshi vuga novuga yuko turindire AMERIKA ivyo izovuga ndazi ko atanumwe azorirengako none avuze ko uvako ndazi yuko utazopinga upize naho bazogupingura barya ntibasama nkamwebwe urya avuze aravuze agushigikige utware uzotwara abonabo bigisha mu mabarabara bace baburiramwo ibwa nibwebwe hama ubatware ubacuritse ugo nurugamba uwuzorucinda niwe azocurika uyundi jew ndindiye ijambo ryase wibihugu irya azovuga mwese mu zoryubaha kuko mwese ndazi ko ariwe muhanze amaso nayo umuhuza wabarundi ntavyiwe nimba mumwizeye mu zohera mwese uyo nikurya amahera yagusa yofashije igihugu nyamba ahuza abibanye amasahani

  • Mr Willy ,niwirambire turiteguye kurwanya uwariwe wese ashaka gusubiza igihugu inyuma abicishije mumigumuko,tuzokwemera nuwanyuma kabisa bamutware ariko agasuzuguro ka MSD tuzotuma dushira.rero abavuga ayamuhe nibavuge peter ahangame arashigikiwe ntasimbe umurima

  • Abarundi tuba hanze yigihugu tugira dutangure kugira nkaba congomani ntamunyepolitik numwe ari muri cndd fdd canke uwubashigikiy azoza hanze tubimenye gusa tuzomusanga ahari tumutere amabuye bavandimwe dusangiye urugamba nizere koo mwavyumvise.

  • oyahubw nymitwe narindre imvra ithte ham tumwereke kuk burya urgmb rukomey rb rugye kurangra mur make ubw ni ubwb kwank kuvga ijambo ur umushngantahe nka nyamitwe ?vugsha ukuri knd muteshwe mut kuk ntawhora kungoma.

  • Si Nkurunziza si willy si Bunyoni na rudorufu ivyo mupanga murihenda uburundi buracarimwo abagabo gusa ikimbabaje nuko muzorondera iyo muhungira imbibe zugawe ahubwo pita yabahenze kuko wew yabaye arava mugisagara kandi ico giturire mwahaye Gaciyumbwenge ico ntakibazo inyamanza irarya ubumera ikabuhakana icese

  • Imana Yonyene niyo mucomanza,kandi irabibona vyose, nidutabare
    Uwutwara wese ,natange amahoro gusa niyo dukeneye,nayo ubundi ndazi nzoguma musi yisafuriya sinteze no kuba umukuru wa gatumba cank no gukubura muri presidence. iyo ni inda iriko irabahenda,muduhe amahoro gusa noyo ibindi vyose nubusaaaaa!!!!

  • Une question a Nyamitwe:
    1. Tu disais hier a un journaliste de l,AFP que Nkurunziza n,avait pas besoin de demander l,avis de la Cour Constitutionnelle (CC) car pour lui (Nkurunziza), la constitution lui permet un 3eme mandat.
    2. Mais: A la derniere rencontre avec les journalistes a Cankuzo, le meme Nkurunziza a textuellement dit ceci: jewe Nkurunziza nta mategeko nize (je ne suis pas expert juriste, disait-il).
    3. Où a-t-il donc trouvE soudainement cette expertise. Peut-etre a-t-il encore une fois inspirE par son Dieu fetiche!!!!!
    4. Continuez a nous narguer; mais on va vous deboulonner juridiquement. Attendons d,abord que votre CC tombe dans le piege lui tendu.

  • Ariko none Abanya bujumbura mu Burundi bwose ,nako mu quartier tutarenze 5 ntimubona ko muteye isoni koko.Emwe ndabarahiye muri IBIJUJU koko.

  • mugabo namwebwe mutwara iki kinyamakuru nimurabe ingene mwukurikiza ivyo mwiyandikiye aho musi kubijanye namategeko agenga IYANDIKWA YICIYUMVIRO CAWE ataruko namwe tuzosanga mukora nkabamwe ntirirwa davuga. mumenye kutandukanya iciyumviro nibitusi. kuko gutanga iciyumviro sibibi mugabo umaze kukivangamwo nibitusi na wewe kubwawe uba wisusuguje nkuyo NDIBANJE JEAN yubahuka akaturisha akanwa kiwe yuko umukuru wigihugu arinkeha bwenge none mwumva uyo muntu yisonera kweri.mugabo ico mwomenya ndabarahiye na mukuru wigihugu muriko murakura kubutegesi ngo kuko mwagiye mwibarabara mushaka mwobwira abo babatumye yuko iyinzira twafashe siyo naho yotushika nimutujane mumatora.

  • Nonembegayemwe u Burundi buragowe!wily Nyamitwe buryayoba ari umurundikoko?

  • Umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu nta jambo afise maintenant que Nkurunziza n’est plus president de la Republique. Ubu ni umugambwe ugomba kumuvugira et non la presidence kuko turi mu biraba amatora et non la fonction presidentielle. Mbega abarundi twabaye gute koko ? Ako ni akazi ka wa mu porte-parole mushasha wa Cndd-Fdd dont j’oublie le nom et non de Willy Nyamitwe. Il faut dissocier job partisan et job rattache la sa haute-fonction etatique. Iyo minuta yakoresheje ntibagomba kuyimuhembera kuko yavugira umu kandida wa Cndd-Fdd et non umukuru w’Igihugu.

  • None karaciyingani mubeshe abantu ngo no hagati mu gihugu hariyo iyo migumuko? Ahiri turahazi nihahandi nyene kandi bizoherera murayo ma quartier nyene. Hama kubavugako Imbonerakure ziriko zikorana ni Interahamwe nibateshwe bate kuko uwo mukenyuro wabahinyukanye.

  • BARUNDI MUGIFISE AGATIMA KUBUKOKO MWOTESHWA MUGATA UWUVUGAKO YAVUYE MWISHAMBA ABA UMUKURU WIGIHUGU YIYOBAGIJE ICATUMYE ARIJAMWO NONE ABAMURUNGITSEYO NUBU BAGOMBA BASUBIRE TUGIYE KUBAHAGURUKIRA BIMWE BIKOMEYE,MBEGA AYO MAKUNGU MUTABAZA MUMYAKA TWAGWANYE KO ATACO YADUFASHIJE UBU NIHO AZOZA KUDUFASHA,MUREKE KWIBESHA NTAWUNDI AZOTWARA UBURUNDI ATARI Peter NKURUNZIZA GUMA KWI VOLA.

  • Mbega nikuki ibibaye vyose vyagirizwa umugambwe wa MSD?.Muvyukuri muriyi myiyerekano ntavyimigambwe birimwo, kuko nikubarundi bose bipfuza demokarasi nyakuri.

  • Jewe ubwanwa bwararpfutse umunwa: kugira ntegere Nyamitwe na Nkurunziza avugira nobabaza igituma batategera k’abandi ibiriho (la réalité des faits, la justesse des pensées, la vérité,...). Umukuruw’igihugu Peter wewe nta nkeka ko mu mutwe hari itsinga (neurones) zakoranyeko (courcircuit), mu mutima naho hoba hari ibuye. Ivya ari vyo vyose Imana yamana ku munwa, irya abadede bashize imber mu mugambwe wabo si Imana y’abakristu Se wa Yezu-kristu, Data wa twese; ni Ikimungu kandi izobashimira kuko bayihamagara ngo ibe icabona c’ububisha butagira izina bakor (barenga irya 2). Nibihanure bigishoboka hamwe n’iradiyo yabo Rema FM, kuko nayo irarema igaturira

  • ABAMERA AMENYO KO BAYAMERERA KU NKURUNZIZA.MBEGA KO MUVUGA KO MUMWANKA?ABAMUKUNDA NABO MUZOBASHIRA H?

  • Erega uyo yahora ari umukuru w’igihugu ntawamutumye canke yamusavye kurota nkuko vyanditse mw’ijambo ry’umutwe ariko ategerezwa guhagarika ubwicanyi buriko bugirigwa abenegihugu, bugizwe n’igipolisi ciwe, abatishwe nabo bakareka guhohoterwa. Ivyo navyo akabikora abanje gushikiriza kumugaragaro abarundi n’amakungu ko atazitoza ubugira gatatu yikurikiranya.

  • malgré que tu as un sois disant force niko ngira ndavyite kuko ntamuntu aciye ubwenge,afise une conscience parfaite ou même afise une valeur morale canke yibaza ko abandi bafise ubuzima nkubwawe!! !!!!tu fais honte àtoi même et pour le pays!!!!je suis désolé de te le dire!!!!IYUMVIRE IBIHE VYOSE KUVA KERA GUSHIKA IYI SAHA AMARASO Y’ABARUNDI INGENE YAGUMYE ASESEKA POUR LEUR LIBERTE ,INDEPENDANCE ET LA VALEUR DEMOCRATIQUE QU’ON A EU EKA NUKUBA WOKWIDEGEMVYA MUVYIYUMVIRO NO MUNGIRO!!!!,rero vyose mubisuka mumazi pour un seul club de tueurs,corrompu,maffiieux!!HOHO UZOBAKORERA GUSHIKA RYARI????KO NIBAHEZA KUGUKORESHA BAZOGUTURATUZA N,ABAWE NKUKO WABIBONYE MUVYO BAKOREYE BENEWABO MUMUGAMBWE, CANKE BAKAGUHAMYA OU BAKUNYAGE BIBUZE MURI VYOSE BAKWICE N’UMURYANGO WAWE NKUKO BAGIRIYE NKABANDI KANDI WARABAKOREYE!!!NGUHANURA GUSA WUGURURE AMASO BIGISHOBOKA. !kuva igihe cose waharanira ukwidegenvya,kuko wabona ko hariho bamwe bacinyinyijwe!!!ubu naho ugeze kubutegetsi utangura kuririka abo warwaniye kuva igihe cose!!EST CE QUE TU ETAIS CONSCIENT DE CE QUE TU FAISAIS OU MEME TU EST CONSCIENT DE CE QUE TU FAIT!!RESAISIS TOI ET REGARDE TON MONDE DONT TU ES MAZE UGARUKANE UMWIZERO MUMURYANGO WAWE ARIWE BURUNDI BITARENGA IGIHE si non retourne en arrière et regarder d’où t’es venu et comme ça tu comprendras quel maître tu peux servir!!!je dis aussi ton sois -disant CHERI président qui nous as fais plongé dans le malheur pendant une décennie ET QUI TE TURAS; ou c’est Dieu pour dire son peuple que tu persécute!!!car chaque chose àson temps malgré tout!!!aujourd’hui c’est toi et demain c’est quelqu’un d’autre!!tu paieras un jour!!même si tu ne paies pas aujourd’hui , tes enfants paieras d’une manière ou d’une autre ou ta famille ou même ton entourage!!!!le mal ne pars pas comme ça!!!il faut que tu le saches et bien enregistré!!!!ET POUR NOS FRERES QUI SONT AU COMBAT!!!SOIS COURAGEUX ET AIE TOUJOURS COMFIANCE EN NOTRE SEIGNEUR ET PRIE CAR C’EST LUI QUI VOUS AI GARDE MUBIHE VYOSE MWARI MUNEZEWE KANDI ARIKUMWE NAMWE MURI BINO BIHE BIBI!! UMUNSI UGEZE URUGAMBA MUZORUTSINDA !!SOIS BENI

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.