Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ariyamiriza icegeranyo ca Transparancy (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ariyamiriza icegeranyo ca Transparancy (...)

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ariyamiriza icegeranyo ca Transparancy international

mardi 11 Kigarama 2012

Ishiramwe mpuzamakungu Transparancy International riheruka gusohora icegeranyo cerekana ko u Burundi buri mu bihugu 10 vya mbere birangwamwo ibiturire vyinshi kw’isi. Buri ku kibanza c’165 mu bihugu 174 vyakozweko amatohoza na TI.

Haraheze hafi indwi ico cegeranyo ca Transparancy International gisohotse. Mu Burundi uwatanguye kugishira ahabona n’umukuru w’ishirahamwe OLUCOME rigwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Reta Gabriel RUFYIRI. Akibimenysha benshi baratangaye kuko haraheze amazi makeya harikindi cegeranyo cerakanye ko u Burundi bwateye intambwe mu bijanye n’ukugwanya ibiturire bitobito bihabwa abayobozi batobato ku mitumba n’amakomine,mbere vyaravuzwe rwose ko u Burundi buza mu kibanza kigira kabiri inyuma y’u Rwanda mu karere ka Afirika y’ubuseruko.

Ku bw’ abategetsi, bari bavuze ko u Burundi bwateye intambwe bitumwe n’kworohereza abanyamitahe n’abashinga amashiramwe y’ubutunzi.
Kuva aho iki cegeranyo ca Transparancy International kigiriye ahabona naco, abaserukira amashiramwe adaharanira inyungu za politike n’imigambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi bagumye basemerera bamenyesha ko Reta yarikwiye kwikubita agashi igafata ndetse igashengeza mu butungane abarya ibiturire. Muvyasabwe n’abafasha u Burundi i Geneve mu Buswise harimwo uguhasha n’ukurandurana n’imizi igiturire kugira imfashanyo zitangwe.

Kuri uyu wa mbere italike 10 ukwezi kwa Kigarama igihe hugururwa indwi yahariwe kugwanya igiturire, umukuru w’igihugu c’u Burundi Petero Nkurunziza yariyamirije ivyashikirijwe na Transparancy International. Avuga ko iryo shirahamwe rishobora kuba ryakoreye ku matohoza y’ibinyoma canke naho abahaye amakuru iryo shirahamwe bashobora kuba barabeshe.

Kubwa kizigenza w’abarundi Nkurunziza ngo u Burundi bwarateye imbere bimwe biboneka mu vyerekeye kugwanya ibiturire n’isesakurwa ry’amatungo ya Reta. Presida Nkurunziza asaba ishiramwe Transparancy International gusubiramwo mu maguru masha ico cegeranyo kuko ku bwiwe icegeranyo riheruka gushira ahabona ata shingiro gifise.

Mw’ishirahamwe rigwanya ibiturire n’isesakurwa ry’amatungo ya Reta OLUCOME bati ntibitangaje kubona umukuru w’igihugu avuga gutyo. Gabriel Rufyiri arirongoye yemeza ko ibiro vy’umukuru w’igihugu arico gisata ca mbere ibiturire vyirayemwo.
Asaba abanyagihugu kwiyamiriza abategetsi bose barya ibiturire bakoresheje ico yise" Résistance positive" n’ukuvuga ko bategerezwa kubiyamiriza ata migumuko bakoresheje.

Ntiribaye irya mbere Reta y’u Burundi itemeranya n’ivyegeranyo vy’amashirahamwe mpuzamakungu. Mu mwaka w’i 2010 uwaserukira ishirahamwe mpuzamakungu Human Rights Watch yarirukanywe yagirizwa gutyoza Reta. Iryo yirukanwa ryabaye inyuma y’icegeranyo ca Human Rights Watch cerekana ko bamwe mu nzego z’igipolisi n’igisirikare bafatanije n’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD bishe abari mu migwambwe itavuga rumwe na Reta. Hari n’ibindi vyegeranyo vyasohowe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kuvyerekeye ingene agateka ka zina muntu kifashe nabi mu mwaka uheze. Hose u Burundi bwasaba ko bene gukora ivyo vyegeranyo bosaba ikigongwe canke bagasubiramwo ivyo vyegeranyo. Ariko hose ntanahamwe ayo mashirahamwe mpuzamakungu yakoze ivyo asabwa n’u Burundi.


Eloge Willy Kaneza

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.