IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu yahagaritse ibikorwa vyo kwimba ubutare mu gihugu cose mu (...)

Umukuru w’igihugu yahagaritse ibikorwa vyo kwimba ubutare mu gihugu cose mu kiringo c’amezi 2

vendredi 1er Ntwarante 2013

Iyo ngingo yo guharika ibikorwa vyo gucukura ubutare mu gihugu cose mu kiringo c’amezi abiri umukuru w’igihugu yayifashe kuko ngo ubutare busigaye bukucurwa atamategeko akurikijwe bigatuma abantu babikora bahasiga ubuzima.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yakoranije inama y’umutekano kuri uyu wa gatanu italike 1 ukwezi kwa Ntrwarante mu ntara ya Muyinga. Iyo nama yabaye mu kanywababu, yari yatumiwemwo abajejwe intwaro, umutekano n’ubutungane mu gihugu cose. Iyo nama iheze, Leonidas Hatungimana yaciye aha ikiganiro abamenyeshamakuru.

Yavuze ko muri rusangi umukuru w’igihugu n’abo barikumwe basanze umutekano wifashe neza mu gihugu cose naho hari akaja karacamwo imigwi y’abasuma ikadurumbanya hamwe n’impanuka zihitana abantu n’ibintu. Abari muri iyo nama basanze kandi ngo ubutare bucukurwa mukajagari ntangere atamategeko akurikijwe.

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu yavuze ko umukuru w’igihugu yaciye afata ingingo yo guhagarika ibikorwa vyo kwimba ubutare mu gihugu cose mu kiringo c’amezi abiri. Aho ngo ni ukugira abacukura ubutare babanze bisuzume hanyuma bisunge amategeko.

Yasavye ababijejwe gukurikiranira hagufi ico kibazo kuko ngo ari nkoramutima ku gihugu.

Abari muri iyo nama bamenyesheje kandi ko abimba ubutare bidakurikije amategeko batuma Reta ihomba amafaranga menshi kandi y’agaciro.ikindi naco ngo bituma abantu bahasiga ubuzima kuko abimba ubutare badakoresha ubuhinga bwa none, nta bicupa bibika umwuka bajana mu kuzimu, ntamatara abona cane bafise hamwe n’ibindi bikoresho vya nkenerwa. Eka mbere ngo ntanukwiga isi ingene imeze imbere y’uko bahimba kugira barabe ko umusozi udashobora kubomoka umwanya n’umwanya.

Iyo ngingo umukuru w’igihugu ayifashe mu gihe umushikiranganji w’ubutare n’agataka yaraherutse nawe gufata ingingo yo gusaba ko abimba ubutare badakurikije amategeko bozibira ibinogo vyose mu ntara ya Muyinga bitarenze amezi abiri guhera ku ndwi iheze.

Aho ni mugihe abantu 15 bapfuye baguweko n’umusozi bariko bimba ubutare mu komine Butihinda intara ya Muyinga mu ntango z’uku kwezi kwa Ruhuhuma.

kw’ifoto: Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.