Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukuru w’Imbonerakure ahamagarira urwaruka rwose kubana neza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umukuru w’Imbonerakure ahamagarira urwaruka rwose kubana neza

Umukuru w’Imbonerakure ahamagarira urwaruka rwose kubana neza

mercredi 8 Nzero 2014

Umukuru w’umuhari w’urwaruka rwo muri CNDD-FDD Denis Karera, ahamagarira urwaruka kwitabira ibikorwa, n’ugukunda igihugu na cane cane ko arirwo Burundi bw’ejo, rukareka gusamazwa n’ibihita nk’uko yabiyagiye ikinyamakuru IGIHE mu kiganiro bagiranye.

Avuga ko muri uyu mwaka w’2014 bafise umugambi wo guhura n’urwaruka rwabo, mu ntumbero yo kubahimiriza kuguma bakunda ibikorwa, kubana neza n’abandi, mu gihe mu mwaka uheze habonetse urwaruka rwagiye rurashamirana n’urundi. Muri izo ngendo rero, umukuru w’imbonerakure ku rwego rw’igihugu akavuga ko bazohamagarira urwaruka rwose, ururi mu mugambwe CNDD FDD, n’urundi rwo mu yindi migambwe, gushira ineza ya bose imbere, ineza y’igihugu ikitabwaho, rukirinda abarukwegeara mu bisubiza inyuma igihugu.

JPEG - 2.7 Mo
Denis Karera arongoye Imbonerakure ku rwego rw’igihugu

Ku vyagiye biraba vyo kutihanganiranira mu vya poritike, Denis Karera amenyesha ko ibiganiro mu mugambwe iwabo ari vyo bagiye barashira imbere, urwaruka ruyage, eka n’abarongoye urundi rwaruka bayage kugira ibibateranya bibe bike ku vyobahuza.
Avuga ko imibano n’urundi rwaruka ruri mu yindi migambwe atari mibi muri iyi minsi, ariko agahamagarira urundi rwaruka kutaza bararwana bapfa ubusa, kubanza gushishoza ntibapfe kujana nyabahururu, kugira bubakire hamwe bose igihugu cabo.

Umukuru w’urwaruka ruhurikiye mu mugambwe CNDD FDD, akaba avuze ivyo, mu gihe uyu mwaka w’2014 ari umwaka ushushe muri poritike y’Uburundi kuko ari umwaka imigambwe yose izoba iriko yitegurira amatora yo mu mwaka w’2015, urwaruka rero ruhurikiye mu migambwe yo muri ADC Ikibiri hamwe n’urwo mu mugambwe uri ku butegetsi rukaba arirwo rwama rwadomweko urutoke, mu mabi yo gukubagurana rupfa imvo za poritike.

JPEG - 103.9 ko
Urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD

Aristide Nizigire

Messages

  • Rwose rwuka burundi bwejo hagarika protike ijukira iterambere ryo rizoteza imbere abo muzovyara. Ja kwishure mukine ikino muje gusuburamwo ivyo mwize nimugoroba niba utiga raba akandi kazi ukora kakurinda kononera abandi ja muri colari canke uje wirirwa ututura ibitoki vyo murugo canke urondere bene wnyu muze mugire icitwa sosiyete mwiyunge murabe ico mwokora mureke kuja mwumva uruya ngo tuje mumuhanda muce mujayo gukora umyigaragavyo kuko aba ashaka kubakoresha inyungu ye biciye mu nguvu zanyu kandi mwiyicira ejo hazaza nimwe burundi bwejo uburundi bubahanze amaso ngo mubukorere.

  • Cher Denise Karera,
    reka kuba mwigira ba Sabwenge!Muvuga ikintu mukongera muyategura mukanashira no mu ngiro igihushane caco.Mbe mwebaza ko imigambi yayu yo kugomba kuguma kubutegetsi hakoreshejwe iterabwoba ninde atabizi!?Ivyo imbonerakure zikora vyose bitegurwa n’inzego nyobozi nkuru za CNDD-FDD bikashirwa mungir o n’imbonerkure urongoye nawe urimwo.Za muragabanya amajambo y’uburarya nimba mudashaka ko ariyo azobagiriza.

  • Mr. Karera Denis,
    Umwaka mwiza. Amajambo Tollo akuburiye, ni yo kugire urwaruka cane cane urongoye batere imbere kandi banabiyumve mwo. Jewe nkaba mbona vyiza mugerageje kuronderera ibikorwa vy’iterambere urwo rwaruka. Bavuye kwiga no mu bihe vy’akaruhuko, mwabwirizwa kuba mwarategekanije ico urwo rwaruka murongoye ruzokora. Rukeneye rero amahera yo kwiyungunganya mu gukorera hamwe ibikorwa vyo kurwanya inzara ibangamiye benegihugu. Kwama bagiye guhangana n’abandi, ni ukujuragirika kandi ataco bagira ngo bokore. Ni waba ushaka ko rukuyoboka hama n’abasigaye bashime imigambi yanyu, hera kuri abo ujejwe mu kubaha imitahe ivuye mu kigega c’Umugambwe CNDD-FDD canke Abagumyabanga. Gurtyo muzoba muhimirije n’iyindi Migambwe gukora politike yisunze iterambere ry’igihugu na beneco. "Ija kurisha ihera ku nama".

  • Ubu ntamuyabaga (Atari kw’ishule) agifata isuka ngo agiye kurima,. Atari mubikorwa vyikarashishi, abariko arakizura, canke yagiye gutoteza abo badahuje ivyiyumviro. Ivyo nivyo bavuga hari abamenyesha makuru, mugabo mumanama yabo namenshi bakora mwijoro kandi kizira, nuko bababwira ngo, Zigugune, Zirye, Zimire zose niziri mumagi. Ayo majambo ntashobora kuba ari amajambo y’uguhumuriza, y’amahoro, y’ubumwe canke iterambere. Uyo Denis rwamwuzuranye. Erega nabo nyene barasirwa nivyo baba batumye. Rindira gato azomera nkumwe warwarwaruka rwa Bagbo muri Cote d’Ivoire.

  • IMANA ISHIMWE HAMWE TWOKWITAHO IVYIMANA NKUKWO VYOBA VYIZA KURUSHA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.