Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umunsi mpuzamakungu wahariwe gukingira igisenge c’isi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umunsi mpuzamakungu wahariwe gukingira igisenge c’isi

Umunsi mpuzamakungu wahariwe gukingira igisenge c’isi

lundi 16 Nyakanga 2013

Igenerekezo rya 16 Nyakanga uko umwaka utashe, ibihugu vyo kw’isi yose birahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe gukingira igisenge c’isi, arirwo rukingira isi, imishwarara y’izuba yohava igira ingaruka mbi ku magara y’abantu n’ibindi binyabuzima vyo kw’isi. Icivugo c’uno mwaka cashinzwe n’ikoraniro kaminuza mpunzampuzamakungu, akaba ari : « Dutabare ikirere cacu : isi ikingiwe n’igisenge, iyo niyo ntumbero yacu ».

Kuri uno munsi, ibihugu vyose vyo kw’isi bihamagariwe gukora ibikorwa bidasanzwe vyahariwe uno munsi kandi vyisunga intumbero yashinzwe mu gukingira igisenge c’isi. Kuva aho bibonekeye ko igisenge c’isi kigeramiwe n’ivyuka bibi, mu ntango z’umwaka w’i 1970, amasezerano abiri yo gukingira igisenge gikingira isi, imishwarara y’izuba yaciye aterwako imikono, ariyo masezerano y’i Vienne nay’i Montreal yemejwe hisunzwe umugambi w’ishirahamwe mpuzamakungu ujejwe gukingira ibidukikije (PNUE) yatewe ko umukono mu mwaka w’i 1985 n’i 1987. Ayo masezerano akaba yaciye aterwako umukono mu bihugu nka vyose vy’isi, bica binatuma haba igabanuka ry’iyononwa ry’igisenge c’isi kigera ku bice 80 kwi 100.

Klaus Toepfer, umuyobozi wa PNUE, yaremeje ko hakiri ukutamenya kuboneka kw’isi ku bijanye n’ikoreshwa ry’ivyo bita « bromure » bisanzwe biri muvyonona igisenge c’isi, ivyo bigatuma bica intege mu gukingira igisenge c’’isi gifise uburebure bw’ibirometero 32 kandi rukingira imishwara y’izuba itari myiza ku kinyabuzima cose.

Klaus Toepfer arongera ati : « Inguvu zose zikoreshwa mu gusanura igisenge c’isi, ni kimwe mu vyakozwe neza ku bijanye n’ibidukikije. Kubw’abahinga, nka hagati muri kino kinjana ca 21, igisenge c’’isi kizoba casanuwe neza niyo inguvu zo kugikingira zizorushirizwaho gukorana ». Ibihugu bimwe bimwe bitunze bisanzwe bifise amahinguriro akomakomeye, asohora ivyuka vyinshi, yategetswe kureka gukoresha ama bromure atuma igisenge cononekara mu mpera z’uno mwaka w’2013.

Umuyobozi w’ishirahamwe PNUE, yahamagariye ibihugu gushigikira icirwa mpuzamakungu, kugira ama Leta yose yo kw’isi amenye urugezo rwa bromure rukoreshwa rudategerezwa kurenzwa. Kw’isi yose ibihugu bikaba vyari vyateguye ibikorwa vyo guhimiriza, bizotuma ihangiro zasinywe mu masezerano zishirwako mbere vyongere vyerekane n’ingorane zihari zikwiye gutorerwa inyishu kugira bakingire bikwiye igisenge c’isi.

Mwokwibuka umunsi mpuzamakungu wahariwe gukingira igisenge c’isi, w’igenekerezo rya 16 Nyakanga, watangujwe mu mwaka w’i 1994 n’ikoraniro ridasanzwe ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.