Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umunsi wahariwe abakoresha ukubamfu : Ibintu cumi twomenya kuri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umunsi wahariwe abakoresha ukubamfu : Ibintu cumi twomenya kuri (...)

Umunsi wahariwe abakoresha ukubamfu : Ibintu cumi twomenya kuri bo

mardi 13 Myandagaro 2013

Kuri uno munsi igenekerezo rya 13 Myandagaro 2013, isi yose irahimbaza umunsi mpuzamakungu w’abakoresha ukubamfu. Isi yose yashimye guhimbaza uwo munsi bamwe babona ko ari ubumuga, yamara siko bimeze kuko benshi mu bakoresha ukubamfu unasanga ari abahinga kandi bagashobora gukoresha ukubamfu ivyo ukuboko canke ukuguru kw’iburyo bidashobora gukora, kandi bakabikora neza.

Benshi mu bakoresha ukubamfu baganiriye na IGIHE bemeza ko ata ntambamyi bibatera, banavuga ko batanga umwimbu mwiza rimwe bakanawurusha abakoresha ukuboko canke ukuguru kw’iburyo.

Ubushakashatsi bwarerekanye ko abandikisha ukubamfu usanga banavamwo abahinga bakomeye, mbere ko usanga hari n’abandika umukono mwiza cane, bagakora ibintu bibereye ijisho.

Ibintu icumi twomenya ku bantu bakoresha ukubamfu

Urubuga tlantico.fr rwakoze ubushakashatsi ku bintu bigera kuri cumi twomenya kubakoresha ukubamfu :

1. Gukoresha ukubamfu ntibivuga kwandikisha ukubamfu. Ivyo bisigura ko hari igihe inyifato y’umubiri iba ifise igice gikora neza kurusha ikindi, nk’ugutwi kw’ibubamfu, ukuguru n’ibindi, ugasanga nivyo bifise ubushobozi kurusha ibindi vyo ku ruhande rw’iburyo.

2. Kuva mu myaka ya kera igera ku muliyoni 1,8, vyaragaragaye ko abakoresha ukubamfu ari abahinga cane kurusha abakoresha ukuryo.

3. Hari ubwo abakoresha ukubamfu bibagora nko gutwara imodoka, gukoresha ibikoresho bimwe na bimwe vyakorewe gukoreshwa ku ruhande rw’iburyo, ariko bagenda babimenyera bitewe n’ubwoko biteye n’aho batwarira.
Aha ibihugu bimwe bikaba bitamenya uburenganzira bwabo no mu gihe bagize ikibazo ntibibuke ko ari uko vyatewe no gukoresha ikintu kitabagenewe.

4. Abakoresha ukubamfu kandi ni benshi kw’isi hose kuko bagera kuri miliyaridi.

5. Abakoresha ukubamfu mu gihe bimenyereje no gukoresha ukuryo usanga bakoresha ibice vyose kandi bakabishobora ku buryo bushimishije.

6. Mu bihe vyaheze, wasanga imvugo zitari nziza zivuga nabi abakoresha ukubamfu, cane cane mu rurimi rw’igifaransa (maladroit ) , gutanguza ukuguru kw’ibubamfu vyasigura kubura amahirwe y’uwo munsi ( Se lever du pied gauche ), kurongorwa n’ukoresha ukubamfu vyagereranwa no kuba utarongowe, bakabigereranya no gupfa (être marier de la main gauche)

7. Mw’idini ry’abakirisitu n’abayahudi, ibubamfu vyasigura ahari icaha. Ni ukuvuga ahatari Imana, ahari shetani n’ivya shetani, n’amadayimoni.

8. Abakoresha ukubamfu kandi baba bakunda kwigira abahinga (Analyste), bakanakunda kugira ubuhinga buhambaye mu bintu bikozwe ku buryo bubereye ijisho (Artisitique).

9. Abakoresha ukubamfu barangwa no gukunda inkino zitandukanye, nka escrime, tennis, ping-pong....

10. Umunsi w’abakoresha ukubamfu washizweho mu ntumbero yo kugaragaza ivyo bashoboye kandi ko babishobora nk’abakoresha ukuryo, mbere rimwe na rimwe bakabarusha.

JPEG - 42.3 ko
Barack Obama, umwe mu bakoresha ukubamfu

IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.