Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umupira w’amaguru niwo yahisemwo gukundisha abandi bana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umupira w’amaguru niwo yahisemwo gukundisha abandi bana

Umupira w’amaguru niwo yahisemwo gukundisha abandi bana

mardi 14 Nzero 2014

Kuva akiri muto yarakunda urukino ry’umupira w’amaguru, n’aho yakunda urwo rukino ntiyashoboye kubandanya arukino. Kuva avunitse yaciye yigira inama yo kugira umurwi wiwe w’umupira w’amaguru w’abana bangana nawe.

JPEG - 54.7 ko
Niyonkuru Claude arongoye umurwi Compagnons de Jesus

Niyonkuru Claude yatanguye kuba ari umukinyi w’umupira w’amaguru mu murwi wa Jeka Regina Mundi, ico gihe yaciye avunika ukuguru, aca araheba gukina. Kubera yakunda urwo rukino, yigiriye inama yo gushinga umurwi wiwe. Kuva mu mwaka w’2008, umurwi w’urwaruka ruri hagati y’imyaka 14-17, Compagnons de Jésus, waciye uvuka ku ciyumviro ca Claude Niyonkuru.

Bitamworoheye, Claude Niyonkuru yarashoboye kwegeranya abana basanzwe bakunda urukino rw’umupira w’amaguru babana hafi yiwe. Aca atangura kubagirisha imyimenyerezo ku kibuga kiri imbere y’ikambi ya gisirikare Camp Muha muri komine Musaga. Amahiganwa ya mbere umurwi Compagnie de Jésus witavye ntibashoboye kuyamara, uburyo bwo gutunga abo bana bwaciye buhera kuko abo nyene nibo bimenya mu kwegeraniriza hamwe udufaranga baronse, hanyuma bakirihira amahera yo gushika muri komine Ngagara ahariko habera izo nkino, baraheza basezera inkino bamaze gukina inkino zitanu gusa.

Ivyo ntivyamuciye intege, kuko mu mwaka w’2012, yaciye ategura umurwi wiwe kugira bitabe amahiganwa «Championat» yahuza imirwi 30 y’abana bari mu munsi y’imyaka 18. Ico gihe, umurwi Compagnons de Jésus baciye baronka ikibanza ca gatatu. Nk’uko Claude Niyonkuru yabibwiye Ikinyamakuru IGIHE , bashitse kuri iyo ntambwe kubera yaciye aronka uwumufasha mu vy’uburyo «Financement» kuko ivy’ubuhinga «encadrement et entrainement» aravyikorera.

Nimpaye Théophile yaje gufasha Claude mu mwaka w’2012. Uwo afasha mu gutanga amahera yo kwiyunguruza, no gufungurira abakinyi mu gihe baba bari mu mahiganwa «Local».

Muri kino gihe Compagnons de Jésus bariko bitegurira amahiganwa azoba muri uno mwaka w’2014 kuri Stade Olympique mu Kanyosha, mu gukina inkino za kivandimwe n’iyindi mirwi.

Claude Niyonkuru arangiza atera akamo ubushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama canke uwundi wese abishoboye kumuronsa imipira «Ballon», hamwe n’impuzu «Maillots» zikwiye imirwi yiwe yose uko ari ibiri «minime na cadet».

JPEG - 35.7 ko
Umurwi Compagnons de Jesus

Niyonkuru Claude yatanguye gushiraho uwo murwi afise imyaka 16, ubu afise imyaka 21, yiga mu mwaka w’icenda kw’ishure Nazareth riri mu Kamesa.

JPEG - 59 ko
Umurwi wa "cadet",Uwutangura i buryo ni Nimpaye Theophile afasha umurwi

Cherif Nkeshimana

Messages

  • Kuraje mwa wosanga harico ufashije kuri ruriya rwaruka ngo nimbonerakure zirirwa zikora ibara babeshe bis iyo muvuye kwishure mwigire muri tizi mwitungirwe na zowezi aho kuja mu vya porotike jewe urashimishije rwose naho reta nti yigire sindabibazwa kuko mutera agateka uburundi ubu nandika hano ndi muri africa yepfo nti woraba twasaze turindiriye ko isaha igera ubunndi burundi bwacu ikaririmbwa mumakungu. Iryo si iteka sivyo gusa abarundi turi ino imitima yacu yaruhutse rwaruka kurikira coude mureke gukurikira ababahenda bampempa zuzuye coude oyeeeeeee!

  • Niyonkuru Claude komerezaho turagukunda nayo iyociyavangamwo ivyimbonerakure, Numurabo harimwo Imbonerakure ntiwihende sha.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.