Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi Lion Story mu biteramo bibiri IGitega - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Umurwi Lion Story mu biteramo bibiri IGitega

Umurwi Lion Story mu biteramo bibiri IGitega

mardi 1er Nzero 2013

Mu ntumbero yo guhimbaza iminsi mikuru iheza umwaka, umurwi Lion Story uririmba mu mudiho wa Reggae wahisemwo gutaha muhira IGitega aho watunganije ibiteramo bibiri kimwe kuwa 31 kigarama 2012,ikindi kuwa 1 nzero 2013.

Kuri uno wa mbere itariki 31 kigama 2012, igiteramo catanguye isaha zine z’ijoro kikaba carangiye mu gatondo. Ico giteramo kikaba cabereye muri Pitfit inyubakwa iri impande y’ibiro vy’akarere ka kabiri ka gisirikare. Ukwinjira akaba yari amafaranga 3000 k’umuntu.

Igiteramo kiza gusozera kikaba gitegekanijwe uno munsi itariki 1 nzero 2013,kikaba kibera ku bibuga vya Basket biri hagati mu gisagara ca Gitega muri quartier ya Musinzira,kwinjira akaba ari amafaranga 2000 ku muntu.

Kugira rero abaza kwinjira ntibaze gutaha baridoga, umurwi Lion Story ikaba yaremeye kuriha umuhinga mu bijanye n’amajwi akorera mu gisagara ca Bujumbura akaba ari uwitwa Mohamed azwi cane kw’izina rya Msheng.

Akaba yaduganye ibikoresho vyose bituma igiteramo kigenda neza ku buryo atari igihindutse bizeye neza ko amajwi aza kuba ari ku rugero rushimishije.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.