Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi Prophet’s Voice wahisemwo kuzogarukira ku bapfunzwe bafise indwara zo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Umurwi Prophet’s Voice wahisemwo kuzogarukira ku bapfunzwe bafise indwara zo (...)

Umurwi Prophet’s Voice wahisemwo kuzogarukira ku bapfunzwe bafise indwara zo mu mutwe

mardi 6 Rusama 2014

Umunsi mukuru wo kwibuka umwami w’umudiho wa Raggae Bob Marley uregereje, hirya no hino abaririmvyi bavuza muri uwo mudiho bariko barisuganye kugira ibiteramo abandi nabo bariko bitegura kuja kugarukira abanyororo mu mabohero atandukanye. Umurwi Prophet’s Voice wahisemwo kuzogarukira abanyororo bafise ingorane zo mu mutwe bari mu Mpimba.

Mu migirwa y’umunsi wokwibuka Bob Marley harimwo kwerekana umutima w’urukundo, imbabazi hamwe no kugarukira ku bari mu marushwa. Bigirwa n’abakunzi biwe nk’uko nawe yabikora akiri muzima. Umurwi Prophet’s Voice uzohimbariza uwo munsi mw’ibohero rya Mpimba. Bazogenda batwaye ivyambarwa, amasabuni n’ibindi mu kugarukira ku bapfungiwe muri iryo bohero bafise n’indwara zo mu mutwe.

Steve Kezamutima avuga ko mu gukora ivyo baba bariko bashira mu ngiro ihangiro bise "Education par Action" bisigura kwigisha biciye mu bikorwa. Insiguro n’uko bashaka ko ubutumwa batanga mu ndirimbo babishira no mu bikorwa. Steve abandanya avuga ko vyinshi babikora bisunga amajambo yanditse mu gitabo ca Bibiliya akarorero ni muri Mariko 15-16, handitse ngo : "Genda mw’isi yose muvuge ubutumwa bwiza ku bantu bose".

Ku kibazo c’uko abavuza umudiho wa Raggae i Bujumbura batagiye hamwe kugira bategurire uwo munsi, Steve yishura ati :"Ubutumwa bwagenewe abantu batandukanye, kandi butegerezwa gushikira benshi bashoboka, tugiye inzira imwe twokiza bake, aho naho twoba tugiye kubiri na bibiliya yera". Inyuma yaho bashobora kuzoja kwifadikanya n’umurwi Peace and Love aho bazoba bari mu giteramo i Muhira Bar.

Tubibutse ko umurwi "Ijwi ry’intumwa" ariwo Prophet’s Voice ugizwe n’abantu 12, ico giharuro gisigura abatumwa 12 bagendanira Yezu.

"Mpera mwiriwe" : rumwe mu ndirimbo rwo guhana amahoro rwa Prophet’s Voice


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.