Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi : Abana bahoze mw’ibarabara baronse ikibanza ca kabiri mu nkino (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Burundi : Abana bahoze mw’ibarabara baronse ikibanza ca kabiri mu nkino (...)

Burundi : Abana bahoze mw’ibarabara baronse ikibanza ca kabiri mu nkino z’isi yose

lundi 7 Ndamukiza 2014

Abana bahoze mw’ibarabara bari mw’ishirahamwe New Generation baraye bakinye urukino rwa nyuma mu mahiganwa y’igikombe c’isi yose. Baronse ikibanza ca kabiri, mu rukino rwa nyuma rwabahuje n’umurwi wa Tanzaniya, ari nawo wabatsinze ibitsindo bitatu ku kimwe (Tanzanie 3 - 1 Burundi).

Kuva kw’igenekerezo rya 27 Ntwarante 2014, abana bahoze mw’ibarabara bari mw’ishirahamwe New Generation bari mu gihugu ca Brésil mu gisagara ca Rio de Janeiro. Abo bana bari kumwe na Dieudonne Nahimana arongoye New Generation, bari bagiye guhiganirwa igikombe c’isi yose c’imirwi y’umupira w’amaguru y’abana bahoze mw’ibarabara. Abana bangana 230 bari mu mirwi ishika 19 y’abahungu n’imirwi 8 y’abigeme nibo bari bamaze iminsi mu munezero udasanzwe aho mu gisagara ca Rio de Janeiro.

Abana bo mw’ishirahamwe New Generation bari mu murwi B warimwo ibihugu nka Philippines, Nacaragua, Tanzaniya, Argentine, na Bresil. Urukino rwa mbere bakinye n’umurwi wa Tanzaniya baheza banganije ibitsindo 2 kuri 2.

Uwo murwi nyene wa Tanzaniya niwo wahuye na New Generation muri kino rwa nyuma (Final). Urwo rukino rwavuyemwo intsinzi y’umurwi wa Tanzaniya ku bitsindo 3 kuri 1 ca New Generation (3-1).

Tubamenyeshe ko mu mirwi y’abakobwa, umurwi nserukiraguhigu wa Brésil ariwo watahukanye ico gikombe mu gutsinda umurwi wo muri Philippines igitsindo kimwe ku busa (1-0).

Amwe mu masanamu yaranze urwo rugendo :

JPEG - 103.1 ko
Dieudonne Nahimana arongoye ishirahamwe New Generation

Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.