Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuryango wa Afrika y’ubuseruko ubandanya kugabanya inzitizi mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Umuryango wa Afrika y’ubuseruko ubandanya kugabanya inzitizi mu (...)

Umuryango wa Afrika y’ubuseruko ubandanya kugabanya inzitizi mu rudandazwa

dimanche 6 Mukakaro 2014

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’umuryano wa Afrika y’ubuseruko, Richard SEZIBERA arashima intambwe uwo muryango ugezeko mu bijanye n’ukugabanya inzitizi zijanye n’uruja n’uruza rw’ibidandazwa muri uwo muryango.

Uko umwaka utashe, abarwizatunga n’abanyamitahe bo mu bihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko bahurira hamwe kugira barabire hamwe ingorane bahura nazo mu bikorwa vyabo vya minsi yose. Kuri uwu wa gatandatu, iyo nama yabereye mu gisagara ca Bujumbura.

Mu ngorane zashikirijwe n’abanyamitahe hamwe n’abarwizatunga muri iyo nama, harimwo ugutanga amatagisi atangana mu muryango wa Afrika y’ubuseruko, hamwe n’ibidandazwa vyo mu Burundi kenshi vyankirwa kwinjira mu bindi bihugu vyo mu muryango. Kamwe mu burorero bwatanzwe ni ibinyobwa vya BRARUDI vyankiwe kwinjira mu gihugu ca Tanzaniya.

Richard Sezibera, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’umuryano wa Afrika y’ubuseruko yamenyesheje ko ico kibazo camaze gutorerwa inyishu. Igihugu ca Tanzaniya cari canse kwakira inzoga ziriko impapuro (Etiquette) zanditse mu gifaransa, kuko abanyagihugu babo batomenya ivyo bariko barihereza. Nk’uko bivugwa na Richard SEZIBERA, umunyamabanga mukuru w’umuryano wa Afrika y’ubuseruko, ishirahamwe BRARUDI ryaremeye kuzorungika muri Tanzaniya inzoga ziriko ivyandiko biri mu congereza.

JPEG - 3.7 Mo
Richard Sezibera, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’umuryano wa Afrika y’ubuseruko

Richard SEZIBERA arashima kandi kubona umwanya ibidandazwa vyahora bimara bitarashika mu bihugu vyagenewe waragabanutse bimwe biboneka, akanizeza ko vuba n’igihugu c’Uburundi kigiye gutangura gukoresha indangamuntu gusa mu kwinjira mu bihugu vyo mu muryango, nk’uko biri ku bindi bihugu.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.