Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umushikiranganji Bertinotti yatangaje ko arwaye “Cancer yo mw’ibere” - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umushikiranganji Bertinotti yatangaje ko arwaye “Cancer yo mw’ibere”

Umushikiranganji Bertinotti yatangaje ko arwaye “Cancer yo mw’ibere”

vendredi 22 Munyonyo 2013

Umushikiranganje w’imiryango w’Ubufaransa, Dominique Bertinotti, yamenyesheje icese ko arwaye Cancer yo mw’ibere. Hari haheze ikiringo kingana n’amezi 9 bamutoye iyo ndwara. Ariko kugera ubu ntawari bwabice ikanda uretse abakuru yaramaze kubimenyesha. Nabo bakaba babigize ibanga.

JPEG - 93.3 ko
Dominique Bertinotti, umushikiranganje w’imiryango w’Ubufaransa

Uwo mushikiranganji ari mubagize Leta y’ubufaransa yamenyesheje icese iyo nkuru y’indwara yiwe inyuma yaho aviriye kwivuza. Yariko akurikirana ico bita “radiothérapie”. Impamvu zatumye Bertinotti avuga ku mugaragaro ko afise Cancer yo mw’ibere ngo “ashaka ko abantu bahindura ijisho baraba ivyerekeye iyo ndwara”.

Ubwo butwari Bertinotti yerekenye mu kuvuga ko arwaye vyakiriwe neza n’abafaransa b’impande zose. Abanyepolitike batari bake bakaba bakengurutse ubwo butwari uwo mushikiranganji w’imiryango yerekanye. Jean-Marc Ayraut, umushikiranganji wa mbere w’Ubufaransa, bayaze na Bertinotti haraheze indwi imwe agira ati: “Naratangaye nongera ndakorwako n’ubwira, ukwihangana n’ubutwari bwiwe”(aho avuga Bertinotti).

Mwomenyako uwo mushikiranganji, Dominique Bertinotti, yatowe iyo ndwara ya Cancer yo mw’ibere mu mpera z’ukwezi kwa Ruhuhuma. Yayimenyesheje umukuru w’igihugu c’Ubufaransa, François Hollande kuwa 2 Ntwarante. Ariko uwo mushikiranganji w’imyaka 59 akaba yaciye asaba umukuru w’’igihugu ko ivyiyo ndwara yiwe bobigira ibanga.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.