Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Komine Kanyosha yasabwe kwijukira iterambere - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Komine Kanyosha yasabwe kwijukira iterambere

Komine Kanyosha yasabwe kwijukira iterambere

vendredi 26 Ndamukiza 2013

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard Nduwimana yarahaye umubonano abarongoye inzego muri komine ya Kanyosha mu gisagara ca Bujumbura hamwe n’imvukira zaho, kuri uyu wa kane igenekerezo rya 25 Ndamukiza 2013.

Inyuma y’iyo nama, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yamenyesheje ko komine ya Kanyosha igihanzwe n’ibibazo biyibuza kugera kw’iterambere rirama. Aho yatanze akarorero ko kwibanda cane mu bikorwa vy’imigambwe gusumba ibikorwa vy’iterambere, kubura umubano mwiza hagati y’indongozi n’imvukira n’abategetsi bo muri Komine Kanyosha ; ivyo vyose bikabangamira uburongozi bwiza n’iterambere muri iyo komine, isa n’iyikiri inyuma ugereranije n’izindi.

Twobamenyesha ko iyo nama yari ifise intumbero yo kurabira hamwe uburyo bwo kunagura intwaro ibereye n’uburongozi bwiza muri komine Kanyosha


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.