Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umwimbu w’igiterwa c’ikawa ushobora kugabanuka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Umwimbu w’igiterwa c’ikawa ushobora kugabanuka

Umwimbu w’igiterwa c’ikawa ushobora kugabanuka

mercredi 21 Rusama 2014

Umwimbu w’igiterwa c’ikawa ushobora kugabanuka muri uwu mwaka bivanye n’izuba ryaka kuva muri uku kwezi kwa Rusama.

Iryo hinduka ry’ibirere ryibonekeza muri uku kwezi kwa Rusama, rigashobora gutuma umwimbu ugabanuka hafi ibice 50 kw’ijana nk’uko bivugwa na Yozefu Ntirampeba umuyobozi wa CNAC-Murima w’Isangi, aho ndetse asaba abasanzwe bagura ikawa, kuriha abarimyi hakiri kare, kugira bashobore kuba baragerageza kubungabunga imirima yabo eka ndetse no kurwanya ubukene busanzwe bunibonekeza muri imwe mu miryango. Ukwo kuriha amafaranga hakiri kare abarimyi nk’uko bivugwa na Ntirampeba, bikaba vyonafasha abarimyi kurwanya ikigoyi gishobora gutera mu miryango yabo.

Mukamenya ko ikawa iri mu biterwa vyinjiza amafaranga y’agaciro Uburundi, eka ndetse ikaba ifise akanovera keza, aho abayihereza haba mu Burundi canke mu makungu bikugura uburyohe bw’ico giterwa c’ikawa.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.