Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
UPRONA : Isubizw’inyuma ry’integuro y’ibwirizwa nshingiro ryatewe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > UPRONA : Isubizw’inyuma ry’integuro y’ibwirizwa nshingiro ryatewe (...)

UPRONA : Isubizw’inyuma ry’integuro y’ibwirizwa nshingiro ryatewe amashurwe

vendredi 28 Ntwarante 2014

Mu kiganiro abarongoye umugambwe UPRONA ishami ritemewe n’ubutegetsi bahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, bamenyesha ko banezerejwe n’ukubona integuro isubiramwo ibwirizwa nshingiro itashoboye kurengana mu nama nshingamateka

Muri ico kiganiro, umukuru w’umugambwe UPRONA, umushingamateka Karori Nditije ari kumwe na Varisito Ngayimpenda, bakaba bashimira abashingamateka bava mu mugambwe UPRONA, abashingamateka bakomoka mu mugambwe Sahwanya FRODEBU Nyakuri, abari mu migambwe itavuga rumwe na Reta, abari mu mashengero, abari mu mashirahamwe ataho yegamiye muri poritike n’abandi, kubona barafashanije kugira biyamirize iyo nteguro y’ibwirizwa nshingiro bavuga ko atakindi yari izanye, atari ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, hamwe n’ukunigira mu menshi amasezerano y’i Arusha.

Muri ico kiganiro co kuri uyu wa 28 Ntwarante, abo barorongoye UPRONA bakaba bahumuriza abashingamateka bo mu mugambwe UPRONA ko borema kuko ibivugwa ko bashobora kuzirukanwa mu nama nshingamateka nka kumwe vyashikira abari basanzwe bayoboka Hussein Radjabu, birukanwa ubutaraririye, kandi bari batowe n’abanyagihugu, ko biri kure nk’ukwezi. Karori Nditije agasaba nyabuma ko abarongoye igihugu gukurikiza amategeko, imigambwe yasambuwe igasubizwa ubwigenge, abapfungiwe ubusa bazira poritike bakarekurwa, co kimwe n’ukwanka ibikorwa bibi bigirwa n’imbonerakure hagati mu gihugu.

Abo baserukira iryo shami ry’umugambwe wa Rwagasore bakaba banegura itotezwa rigirirwa aba JRR bahurikiye mu mugambwe UPRONA, aho bamwe bamaze iminsi bafatwa, abandi bakaba barara ntibuca. Ikindi Nditije na Ngayimpenda biyamirije, akaba ari intonde umupfasoni Concilie Nibigira arongoye UPRONA yemewe na Reta avuga ko agiye kugira, mu ntumbero yokwerekana abafise uburenganzira bwo kugirisha amanama mu ntara zose z’igihugu. Kuri ico, bavuga ko Concilie Nibigira n’abo bari kumwe bariko barata umwanya, kuko Abadasigana bose bamaze kubahinyura, kandi bazi n’uwabatumye gusamburira umugambwe UPRONA.


Aristide Nizigire

Messages

  • Natwe turakeje abashingamateka kuba bararengeye inyungu zabo bagashira imbere iz’igihugu.

  • Njye numva Concilia yagombye kwirukana mumugambwe abo bashinga vuba hanyuma akabasimbuza abandi bagendera kukanyamuneza k’uburundi

  • Nivyiza mugabo badasigana mukwiye kuja hamwe na ADC ikibiri kugira urugambamurutsinde ataraho ntayindi nzira ishika.

  • iyo nintsinzi yabamwe barira kumeza ya arusha. ariko bitebe bitebuke ikiguhu kizoteba kigendere kumategeko umuntu ahabwe akazi kuko abishoboye bataravye amazuru. abantu bagize ibice 18% barahabwa 50% mugipilice nigisirikare.bagahabwa 40% munzego zintwaro ... ivyo birakwiye gusubigwamwo kandi bizoshoboka. abatwa bo bararenganye bikwiye ntanigice nakimwe bafite ... ivyo birababaje ariko biriko biraza ntamyaka 20 isigaye ..

  • Mwebwe mwabashingantahe babiri,muvuga ko murongoye IPRONA jewe iyo ndiko ndabitegereza nunva muntangaza cane gose,mugihe mutemeye kuja hamwe nuyo mukenyezi concilia ngo mutunganye umugambwe wanyu,ntaho muriko murashika ndabarahiye nukuri.none mwebwe ntimwemera IMANA,ijambo ryimana rivuga riti tubabarire abatugiriye nabi,kuki none mwebwe mudashaka kurekura??.namba abo muvuga komwirukanye mumugambwe,bikaba vyaciye bitera ingorane umugambwe wanyu,barekurire!.namwe babarekurire.hama basubizwe mumugambwe,muce musaba concilia ategure ikoraniro kaminuza muce mutora inzego shasha zirimwo bose,abahora kumugumya,abo kwa NGAYIMPENDA,kwa Concilia.abokwa NDITIJE,muce muja hamwe mube umwe,nayo kwama muvuza induru ngo numushikiranganje NDUWIMANA Eduard abasambura sivyo!!.nimureke kumubeshera nukuri.nimwebwe nyene musambura.nayo umushikiranganji araba amategeko conyene.mweho none ko muvuga ngo president NKURUNZIZA nakurikize amategeko ngo ntiyitoze.raba rero namwe mukurikize amategeko.mwubahirize uyo mufasoni.mwebwe kuki mudashaka gukurikiza amategeko.ariko mugasaba ngwa bandi bayakurikize????.Ehe ikindi yaba mwebwe canke ADC ikibiri amategeko yogihugu ntabemera,ntabwo abazi,ntimwunva ko nukuja mumyiyamamazo canke gutanga umukandida ko bizobagora??!!.muvyo murimwo gukora nimushiremwo ubwenge,ubumenyi,nubwitonzi,kandi muce bugufi,mwikubite ibwero mugarure ubwenge.kari agciyemwo bashingantahe.

  • Sekuri we ?Ariko wewe abona ufise ubwenge bwoguhanura .Nditije,Ngayimbenda baza wihanure wewe nyene umenye uwuriwe

  • Mbe burya ivyamagaburanyama ntibizoteba bigahera hanyuma hakaja imbere ukuri n’ingingo??? Burya DEMOKARASI ni nziza kandi izotsimbatara hamwe atwuzovuga ngo je ndinkewa, gutyo hakore ijambo!!!!

  • NWARI jewe ndiyizi neza caane,kuvuga ngo ntabwenge nfise ico niciyunviro cawe,muga wewe urihenda caaane,nsinzi ingorane ufise,bishoboka kuri umukeha bwenge wewenyene,guhanura abo bashingantahe nuburenganzira bwiwanje,muga wewe nawe wobabwira icifuzo cawe ntakibazo.muga ww nama mbona wifuza kuja mumabarabara kugira userure iciyunviro cawe,nsinzi kwariho wokwunvigwa.ijoro ryiza sha ,ariko nyuzeregwa kubwivyiyunviro vyawe mbona,ndakurahiye ncuti.

  • Har,abantu twigira abazi gusigura amategeko kurush,abandi kumbe duhengamye.Ikizodukiza n,ukuri.None ko Nduwimana akurikiza amategeko ko muri cndd atarayakurikiza mu nama yakuye Hussen Radjabu ?Intumbero rero niyo kwemeza abatagira inguvu kugira ntibazomugore munteguro ziwe.ariko ukuri kwama gutsinda gusa nukuraba nubwo mumushimira ko atari imitego atega leta.muribuka ivyo Etat Unis yavuze.

  • muhagarare rugabo imeza ya arusha ntibatembagarane naho ubundi mwobura aho murira ....ahahahah ariko uburundi bwubu sibumwe bwa kera ubu abo mwankira kwiga barahabona .. nuko ari abantu bakajagari mwa mporona mwe mwese bobasubirije munkoko igihe muzobonera abahutu bagiye hjamwe muzace mwicara mutekereze kera bavuga ngo umuhutu agira inda ndede ariko abatutsi namwe mwarayaguye gute kandi ngo mufite abashingantahe mugume mudyana? ariko ndaguye ndagarutse mwebwe mufite agatima kuwibaza ko muzokwama muri ndaguze bwakeye mwatwaye kera mubura ico mwishikanako .. ubu ntinwe muba mwarashinze amashirahamwe yubucuruzi mwarubatse igihugu none mwishinga ... raba ingoro zumugambwe wanyu murateye isoni....

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.