Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
UPRONA yagiriza CNDD FDD guhonyanga ibwirizwa shingiro n’amasezerano ya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > UPRONA yagiriza CNDD FDD guhonyanga ibwirizwa shingiro n’amasezerano ya (...)

UPRONA yagiriza CNDD FDD guhonyanga ibwirizwa shingiro n’amasezerano ya Arusha

mercredi 20 Munyonyo 2013

Mu mugambwe w’abadasigana UPRONA bararajwe ishinga n’ukubona ibwirizwa shingiro n’amasezerano ya Arusha biriko birahonyangwa n’umugambwe uri ku butegetsi mu kurungikira inama nshingamateka integuro yo guhindura ibwirizwa shingiro kandi ata n’umwe yagishijwe inama.

Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, umukuru w’umugambwe w’abadasigana UPRONA Karori Nditije yibukije ko amasezerano y’amahoro yumvikanyweko i Arusha, hamwe n’ibwirizwa shingiro bitaraba umugambwe uri ku butegetsi gusa, ahubwo biraba abanyagihugu bose. Muri uwo mugambwe UPRONA bamenyesha ko umugambwe uri ku butegetsi uriko uriyibagiza ko amasezerano ya Arusha ariyo yavanyeho indyane z’amako zari zazingamitse igihugu, ari nazo zatumye intambara yaduka mu Burundi, abanyagihugu baricwa, abandi bateshwa izabo barangara.

JPEG - 88.3 ko
Karori Nditije, arongoye umugambwe w’abadasigana UPRONA

Umugambwe UPRONA rero wamirira kure iyo nteguro yo guhindura ibwirizwa shingiro iriko ikorwa gihutihuti, kandi itariko icishwa mu mwumvikano hagati y’abandi bose vyega. N’aho umukuru w’umugambwe w’abadasigana UPRONA yemeza ko mu mugambwe arongoye batarota bemeza iyo nteguro mu nama nshingamateka, ukwikura muri Reta nakwo nyene ntakwo ashigikiye. Karori Nditije, umukuru w’umugambwe UPRONA amenyesha ko bishitse iyo nteguro y’uguhindura ibwirizwa shingiro ikemezwa, bazobandanya basaba ivyohinduka, ariko batabanje kwikura muri Reta.


Egide Nduwimana

Messages

  • Banyepolitike bo mu Burundi, murakwiye kwibuka ko ibwirizwa nshingiro ryatowe n’abenegihugu bose. Ibiri muri ryo bitegerezwa gukurikizwa n’abatowe n’abo bene gihugu bakwirikije amategeko ari muri ryo mugabo si utudumbidumbi twose turihindura. Abo twatoye baratubaza bakagenda kuryemeza canke kurihakana batumwe natwebwe twabasizeho. Niyo demokarasi nyakuri. Twagomba tubibutse kandiko amasezerano y’i Arusha adasumba ibwirizwa nshingiro ry’igihugu cacu ahubwo ibiri muri ayo masezerano biri mw’ibwirizwa nshingiro. twe twatoye ibwirizwa nshingiro ntitwatoye amasezerano y’i Arusha. Abadasigana namwe muragaba ntibabahende, kubona muri ngaho ntibinezera bose; mwibuke ikibanza mwari mufise mumatora y’abahanuzwa jambo b’amakomine. Murazi ko mwabaye buzire ndabwirire.
    MURAKOZE.

  • Abagiye Arusha bwabundi nibo bahenze abanyagihugu kuko uburavye biraboneka ko ahanini bari bagiye gushaka ukugene baguma ku butegetsi no gucungera inyungu zabo. None mbega CNDD-FDD kuguma kubutegetsi hari ico bitwaye uretse abicura ubusa! Erega iyo abari ku butegesti baba bafise intumbero mbi yo gusubiza igihugu mukaga bari kubikora ntacabazibiye. None intwaro zahitiye ko bapfa kumara amezi makeya igihugu kikaca gitangura guhungabana abantu bagatangura guhunga. Nibareme nta nzu igiye gusha uretse gutakaza ibibanza bari baribikiye i Arusha.

  • Ni haba hari Umugambwe n’abantu bari mu yabira, ni UPRONA n’abanywanyi bawo biyita "adadasigana". Umugani wa Karori Nditije, ni kuguma biheka kuri CNDD-FDD kuko ahandi Umugambwe wabo uhakwa gufudika burundu. N’abasigaye muri uwo Mugambwe UPRONA, ni ababuze ahandi baja kandi bokwemererwa.

  • Banyepolitike mwatowe nabene gihugu muragabe ntimusubize u BURUNDI aho bwaribwararenganye carigihugu camata n’ubuki,hanyuma kirafutana kirongera kiramera nkigitoshe.Benewacu dufashe mwifashije ntibusubire mukiganza ca shetani ngo busubire gusesa amaraso yabarundi.kora mukorera uburundi mureke,mureke gukora mukorera inda zanyu.ibwirizwa nshingiro niryabarundi si ryumugambwumwe.convention d’ARUSHA yaje igororera kwibwirizwa nshingiro.murakoze cane mwibuke uburundi aho bwaciye.UBURUNDI bugiramahoro bwamane intahe n’ijambo mumakungu.

  • Nimba mutabibona CNDD iriko ikoresha igikenye bariko bagerageza kwitegura hakiri kare nuko namwe muri party opposite nuko mwoba magabo nuko nivyo mwovuga vyose arubusa.

  • Nimba mutabibona CNDD iriko ikoresha igikenye bariko bagerageza kwitegura hakiri kare nuko namwe muri party opposite nuko mwoba magabo nuko nivyo mwovuga vyose arubusa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.