IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uruganda ku mugambi wo gushira mu minwe y’abikorera ivyabo amashirahamwe ya (...)

Uruganda ku mugambi wo gushira mu minwe y’abikorera ivyabo amashirahamwe ya Leta

jeudi 29 Myandagaro 2013

Inyuma y’aho inama nshingamateka na nkenguzamateka itoreye itegeko rigenga ishirwa mu ngiro ryo gushira amwe mu mashirahamwe ya Leta mu minwe y’abikorera utwabo, ishirahamwe ryishinze gukurikirana ibikorwa vya Leta (OAG) ryatunganije inama yo guhanahana ivyiyumviro ku vyerekeye gushira mu minwe y’abikorera utwabo amashirahamwe ya Leta kugira barabe aho ibikorwa bigeze n’ingorane zihari zibuza uwo mugambi gutera imbere.

Umugambi wo gushira amashirahamwe ya Leta mu minwe y’abikorera utwabo, ni umugambi wari watangujwe mu Burundi mu mwaka w’1990 ku mashirahamwe amwe amwe, ariko intambara iteye mu Burundi mu mwaka w’1993, uwo mugambi waciye umera nk’uwuhagaze, usubira kubandanya umutekano ugarutse.

Kubwa Gaspard Gaciyumbwenge, umwe mu bahinga bari batanze ikiganiro, gushira amashirahamwe mu minwe y’abikorera utwabo, bizogira akarusho mu gihugu, kuko ayo mashirahamwe azoza aratanga amafaranga yinjira mu kigega ca Leta kugira afashe iyindi migambi izogirira akamaro abanyagihugu.

Ikindi naco, gushira mu minwe y’abikorera utwabo amashirahamwe ya Leta bituma haba itunganywa ryiza mu butunzi, umwimbu uriyongera mbere n’ishirahamwe ubwaryo rigatera imbere. Uwo mugambi uzoshobora gutuma kandi amashirahamwe yari yarahagaze kubera ata buryo bukwiye yari afise, abikorera utwabo basubira kuyazamura, batange amakori yinjira mu kigega ca Leta, mbere n’abakozi baho babandanye bakora. Gutyo, ubutunzi bw’igihugu buzoheza butere imbere.

Ariko rero, n’aho gushira amashirahamwe ya Leta mu minwe y’abikorera utwabo ari umugambi uzoteza imbere igihugu, haracariho ingorane zigihanze uwo mugambi, aho twovuga, ukungene abatwara ayo mashirahamwe ashaka gushirwa mu minwe y’abikorera bataravyumva neza, kutakira neza uwo mugambi canke kutaronka ingurane kugira uwo mugambi ushirwe mu ngiro. Ivyo ni ibishikirizwa na Gaciyubwenge Gaspard, umuhinga yatanze ikiganiro.

Mwomenya ko mu mashirahamwe ya Leta ashika kw’icumi n’atandatu amaze gushirwa mu minwe y’abikorera utwabo, muriyo harimwo amatononero y’ikawa agera kuri 41 yagurishijwe imiriyoni zigera kuri zine y’amadorari y’abanyamerika, n’ihinguriro ry’ikawa SODECO Songa ry’i Gitega.

Mu myaka itatu naho igiye kuza, hatagekanijwe urutonde rw’amashirahamwe ya Leta agera kuri 10 azoshirwa mu minwe y’abikorera utwabo, muri ayo hakaba harimwo ONATEL, VERRUNDI, AIR BURUNDI, SRDI n’ayandi.
Kugira uwo mugambi wo gushira amashirahamwe ya Leta mu minwe y’abikorera utwabo uzoshirwe mu ngiro, umuhinga Gaspard Gaciyubwenge yamenyesheje ko bagiye guhimiriza abo bose begwa n’uwo mugambi, babibumvishe neza kugira intambanyi zatuma uwo mugambi udatera imbere zigabanuke.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.