Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urugendo rwa Barack Obama muri Afrika - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Urugendo rwa Barack Obama muri Afrika

Urugendo rwa Barack Obama muri Afrika

mardi 21 Rusama 2013

Urugendo rufatwa nk’uruzoba rubaye urwa mbere rw’umukuru w’igihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika, Barack Obama mu bihugu vya Afrika rurindiranwe igishika cinshi.

Azokwishikira rero mu bihugu vya Senegal, Afrika y’epfo hamwe na Tanzaniya, hagati y’igenekerezo rya 26 Ruheshi, n’igenekerezo rya 03 Mukakaro 2013. Mu kiringo ciwe ca mbere, Obama yagize urugendo rugufi mu gihugu ca Ghana, muri Mukakaro umwaka w’2009.

Ni urugendo abanyafrika bari biteze haraheze imyaka ine .Urugendo rwa mbere rukomeye rwa Barack Obama muri Afrika. Azogendera ibihgu bitatu gusa arivyo Senegal, Tanzaniya hamwe na Afrika y’epfo.

Barack Obama yahisemwo kutaja muri Kenya igihugu asanzwe akomokamwo. Ariko ngo ntibitangaje kubera ko Umukuru w’igihugu mushasha wa Kenya Uhuru akurikiranwa n’ubutungane mpuzamakungu.

Intumbero itangwa na Maison Blanches, ni ukwagura igisata c’ubutunzi, ic’imitahe nic’ubudandaji, gushigikira ingendo y’intwaro ibereye n’ugushira imitahe muri Afrika.
Barack Obama azobonana n’abanyepolitike, n’abakuru b’amahinguriro, ashimikiye ku rwaruka rwo muri Afrika.

Sénégal ni kimwe mu bihugu bikoresha ururimi rw’igifaransa kigize ayo mahirwe, mu mpera za Ruheshi n’intango ya Mukakaro.
Macky Sall, umukuru w’igihugu ca Senegal yari yakiriwe i Washington mu mpera za Ntwarante kandi yari yaratumiye Barack Obama azomugendere i Dakar.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.