Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urukino rwahuje Guinée Equatoriale na Tunisiya rwatumye hari (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Urukino rwahuje Guinée Equatoriale na Tunisiya rwatumye hari (...)

Urukino rwahuje Guinée Equatoriale na Tunisiya rwatumye hari abiyahura

mardi 3 Ruhuhuma 2015

Inyuma y’urukino rwahuje ibihugu vya Guinee Equatoriale na Tunisiya, urukino ruriko ruvugwako vyinshi kubera inyifato idashimishije y’umuhagarikizi, hakurikiye amarira y’umwana yiyahuye.

Amine w’imyaka 18 avuka mu gihugu ca Tunisiya asanzwe akunda cane inkino z’umupira w’amaguru, amaze kubona umuhagarikizi Seechurn Rajindraparsad yubahutse agatanga "penalty" yavuga ko ari iy’akarenganyo kuri Guinée Equatoriale, bigatuma Tunisiya itsindwa, yanditse amajambo akurikira :"« Sal Afriquin ! Sal noir ! », ati : "Afrika icafuye, Isi y’abirabure banduye", Yongera yandika ku ruhome rwa facebook rw’umuhagarikizi Seechurn Rajindraparsad, ati : "Mukwiye kurwara Ebola wewe n’umuryango wawe w’urukoba rw’irabura". Urundi rwaruka rwamushigikira ari rwinshi mukugira "like".

Ivyo vyahavuye bizana kwiyahura kwa Amine. Ari kumwe na se wiwe mw’igorofa ya gatanu, Amine yavuye hasi n’ishavu ryinshi maze arasimba se wiwe agiye kumufata aramwiyaka, Amine akoroka hasi aca arasandaba. Umuvyeyi wiwe co kimwe n’abagenzi biwe babona ko Amine yiyahuye kubera kudatahura ko aba ku mugabane wa Afrika urimwo "akarenganyo nk’ako", aca ahitamwo gupfa.

Tubibutse ko urukino rwahuje Tunisiya na Guinée Equatoriale (igihugu categuye inkino mu gihe ibindi nka Maroc vyari vyanse), ruriko ruvugwako vyinshi. Bamwe bavuga ko umuhagarikizi Seechurn Rajindraparsad yahaye penalty Guinée kandi ata kosa ryabaye. Ivyo yoba yabigize kugira ico gihugu kironke amahigwe yo kubandanya. Iryo kosa nyene ryegekwa no ku burongozi bw’umupira w’amaguru muri Afrika, kuko aribwo bwahaye uruhusha uwo muhagarikizi Seechurn Rajindraparsad yoba yatowe kubera asigaje imyaka ibiri ngo akukuruke, akaba ivyo yakoze mu gihe vyokwitwa ikosa atazorihanirwa kuko azoba yarangije ivy’ubuhagarikizi.

Murashobora gukurikirana uko urukino rwagenze mukabona aho umuhagarikizi yoba yagiriye ikosa


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.