Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urutonde rw’abaririmvyi 5 binjiza amahera menshi ku mwaka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Urutonde rw’abaririmvyi 5 binjiza amahera menshi ku mwaka

Urutonde rw’abaririmvyi 5 binjiza amahera menshi ku mwaka

mercredi 20 Munyonyo 2013

1. Madonna

JPEG - 51.3 ko
Madonna

Ku matohoza yagizwe n’ikinyamakuru Forbes, hatangajwe ko Madonna ariwe mu ririmvyi wa mbere kw’isi yinjiza amahera menshi, uwo munyamerikakazi yinjiza amahera agera ku ma dorari imiriyoni 125 ku mwaka.

Mu rukwirikirane rw’ibiteramo yise MDNA, ikinyamakuru Forbes giharuye amahera yinjije havuyemwo amakori, amahera aronka agurishije imiziki yiwe, ayo yinjiza mu biteramo no mu bindi vyinshi, casanze Madonna, afise imyaka 55, yinjiza amahera agera ku ma dorari imiriyoni 125 ku mwaka .

2. Stefani Joanne Angelina

JPEG - 6.2 ko
Lady Gaga

Uwo ni we bita kansdi Lady Gaga. Afise imyaka 27, yegeranya amahera agera ku miriyoni 80 z’amadorari ku mwaka.

3.Umurwi “Rocker Bon Jovi”

JPEG - 4.6 ko
Rocker Bon Jovi

Uwo murwi wavutse mu mwaka w’1983. Uririmbamwo Richie Sambora, Jon Bon Jovi, Tico Torres, David Bryan, Hugh McDonald, Alec John Such, Dave Sabo bo muri Leta Zunzubumwe z’Amerika. Uyu murwi nawo winjiza miriyoni 79 z’amadorari. Ukaba uzwi cane mu ndirimbo "I’ll Be There for You"ru

4. Toby keith,

JPEG - 3.2 ko
Toby keith

Uwo mwanditsi akaba n’umuririmvyi aturuka mu gihugu ca Leta Zunzubumwe z’Amerika, afise imyaka 52. Azwi mu ndirimbo zitari nke, nka :”God loves her”. Atoza miriyoni 65 z’amadorari ku mwaka.

5. Coldplay

JPEG - 22.7 ko
Coldplay

Uwu murwi wavutse mu mwaka w’1994 ugizwe n’abaririmvyi ba 4 aribo :Chris Martin, Guy Berryman, Jon Buckland, Will Champion. Baturuka mu gihugu c’Ubwongereza, Bazwi mu ruririmbo « Viva la Diva ». Uwo murwi uronka ku mwaka imiriyoni 64 z’amadorari

Ico kinyamakuru cakoze icirwa ku baririmvyi bariho kuko nka Michael Jackson yinjiza 160 naho yapfuye.


NKESHIMANA Chérif

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.