Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urwaruka rutumiriwe kuziganya rukiri ruto - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Urwaruka rutumiriwe kuziganya rukiri ruto

Urwaruka rutumiriwe kuziganya rukiri ruto

jeudi 31 Gitugutu 2013

Urwaruka rurakwiye gutangura kwiga kuziganya rukiri ruto kuko niho bizorufasha gutegura muri kazoza ibikorwa vy’iterambere. Ivyo nivyashikirijwe n’ishirahamwe Hope Fund Burundi mu gihe hahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe kuziganya.

JPEG - 39.1 ko
Pierre Claver Nkunzabagenzi, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe ryo kuziganya no kugurana “Hope Fund Burundi”

Kw’igenekerezo rya 31 Gitugutu ni umunsi mpuzamakungu wahariwe ukuziganya. Ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana “Hope Fund Burundi” rikaba ryifadikanije n’amakungu mu guhimbaza uwo munsi. Iryo shirahamawe rikaba ryawuhimbaje ku civugo kigira giti: “Tuziganye dutegure kazoza”. Iryo shirahamwe ryo kuguranana no kuziganya ryihaye intumbero yo gufasha abanyagihugu bato mu kubaziganiriza hamwe no kubagurana kugira bashobore kwiteza imbere.

Amashirahamwe yo kuziganya arafasha cane mu kurwanya ubukene. Nkuko bivugwa na Pierre Claver Nkunzabagenzi, umuyobozi mukuru wa “Hope Fund Burundi”, kera abanyagihugu babika mu mahembe no mu dukono ugasanga mbere ayo mafaranga ntanico abamariye. Ivyo rero bigashobora kugira ingaruka mbi mu gihe umuntu atabikije amafaranga yiwe mu makanki. Akarorero ka hafi akaba ari ivyabaye igihe isoko nkuru ya Bujumbura aho yasha. Abadandaza batari bake babitse amafaranga yabo muri iyo soko nyene yahiriryeyo.

Iciza co kubika amafaranga mu mabanki nuko ayo mafaranga aca akoreshwa n’abafise imigambi bimwe bita ‘’kuja muri circuit’’. Abaronka ingurane bagakora imigambi yabo gutyo ubukene bukaba buriko burarwanywa. Mw’ijambo nyamukuru ry’uno musi mpuzamakungu wahariwe ukuziganya, Pierre Claver Nkunzabagenzi, yahamagariye urwaruka, rwo burundi bw’ejo, kuziganya nabo bitegurire kazoza. Ati: “…y’amafaranga mwonona mu bintu bitari nkenerwa muyajane ku ma compte gutyo muzoyakoreshe ibikorwa bibateza imbere mu gihe muzoba mwahejeje amashure yanyu’’.

JPEG - 34.9 ko
Urwaruka rw’abanyeshure bariko barakina ivyese bijanye n’uyo munsi

Umuyobozi w’iryo shirahamwe ryo kuziganya « Hope Fund Burundi », ntahakana ko ubukene buhari ariko atera akamo abantu bose kwijukira kuziganya. Arahanura abanyagihugu kuza barirengangiza ibintu bimwe bimwe bibatwara amafaranga kandi bitagira akamaro maze bakaza barabika.

Umukenyezi Nzaniye asanzwe aziganiriza muri iryo shirahamwe Hope Fund Burundi, amenyesha ko kuziganya bimufitiye akamaro kanini kuko iyo aziganije aba yiteguriye kazoza. “Iyo wibikiye utwawe bituma ushika ku kintu nyamukuru kuko udufaranga duke dukura tukaba twinshi’’,uko akaba ariko Nzaniye yagize. Mbere atera akamo abakenyezi kwijukira kuja hamwe mu mashirahamwe yo kuguranana no kuziganya.

Mwomenya ko mu ntumbero yo kwigina uwo musi mpuzamakungu wahariwe kuziganya, ishirahamwe Hope Fund Burundi ryahaye akaryo kwo kuguruza amakonti k’ubuntu guhera kuri rino genekerezo rya 31 Gitugutu gushika ku genekerezo rya 7 Munyonyo uno mwaka.


KARIRE Floxella

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.